Duza ugusenga kwawe kwumvikane mw’ijuru ico uri cose kuko igihe n’iki kandi ugire ubuntu.

« Yar’ umuntu yubaha Imana akayitinyana n’abo mu nzu yiwe bose, yagirira abantu ubuntu bginshi, agasenga Imana ubudasiba. Abona yeretswe imbonankubone umumarayika w’Imana yinjiye i we hari nk’isaha cenda z’umusi: aramuhamagara, ati Koruneliyo. Na we amukanurira amaso, afise ubgoba, aramubaza, ati N’iki ga Mwami? Aramwishura, ati Gusenga kwawe n’ubuntu bgawe vyaduze biba icibutso imbere y’Imana.
Ivyakozwe n’intumwa 10:2-4″

Uyu yari umugabisha w’ ingabo yitwa koroneriyo, ngo yarasenga, akagira ubuntu.Umumalayika aramwiyereka amubwira ko gusenga kwiwe no kugira ubuntu vyaduze bikaba urwibutso imbere y’ Imana.

Abantu benshi barasenga,ariko si benshi bagira ubuntu( bafise umutima wo gufasha abandi).Abandi nabo bagira ubuntu, ariko ntibasenga,ngo bubake ubucuti n’ Imana.

Amasengesho arimwo kugira ubuntu aranyaruka gukora kumutima w’ Imana.Kubera iki?

Kubera abo uhezagira nabo baraja imbere y’ Imana bakayishima,ati shimwa Mana kubw’ urya muntu wawe,…,wewe uba uri mubatuma Imana ishimwa.

Impfuvyi uba wafashije, abatishoboye uba washigikiye,abo bose bakaja imbere y’ Imana bakayishima,
bakagusabira umugisha, Imana nayo ikumva gusenga kwabo,bikaba urwibutso.

S’ umugambi w’ Imana rero ko iguhezagira ugatera imbere wenyene,oyaa,ukwiye kuba umuntu agira ubuntu,afasha abandi.Koroneriyo mucubahiro ciwe ntiyigeze yibagira kugira ubuntu.

Abitwa abakristo bose, baramutse babigize intego, mw’ ishengero ntaworwara ngo abure uwuja kumuraba,ntawobura ico yambara mugihe hari n’ abafise impuzu batibuka ko bazifise kubw’ ubwinshi bwazo,ntawosonzera mubitwa benedata.

Imana iduhe umutima wo kubera umugisha abandi,kuko ni kimwe muvyo twashiriweho.
Bibiliya niyo iduhanura ngo
 » Twame dukora ivyiza, ntiducobogore,kukw’ igihe ni cashika tuzokwimbura,
nitutarambirwa.
Abigalatiya 6:9″.