Ibiraro 2 vyinjira muri Komine Gitanga muri Rutana vyacikiye rimwe kubera imvura!

Muri komine Gitanga ibiraro bibiri vyahuza iyo komine hamwe n’amakomine ya Bukemba na Rutovu vyaracitse bivuye ku mvura yaguye ku muhingamo wo kuri uyu wa mbere . Nta modoka yinjira canke ngo isohoke mur’iyo Komine.

Ivyo bikaba vyatumye imirimo imwe imwe itagenda neza kuko ata muduga ushobora gushika ku mugwa mukuru w’iyo komine.

Musitanteri wa komine Gitanga Onésime Nkengurutse atera akamo abagira neza ko bobafasha gusanura ivyo biraro kugira imirimo isubire uko yahora.

Ikibazo kihari kiri n’ahandi hose ni ukwitaho ubgiza n’ubushobozi ( la qualité) y’amabarabara ari mu gihugu hamwe n’ibiraro hakongerwako kwama babisuzuma no kubisanura. Iyo ivyo bitabaye igihugu kija kwibuka kubogora ca sheshe. Ikibabaje s’uko ata buryo buba bubuze mugabo ni ugushaka guke bisongwa no kunyuruza itunga ry’igihugu.