Umutumiro w’amasengesho yo gusengera igihugu c’Uburundi 22-26/01/2024

UMUTUMIRO W’AMASENGESHO YO GUSENGERA UBURUNDI N’ABARUNDI
Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo n’ashimwe cane! Ihanga ryose twahamagariwe amasengesho y’iminsi 5 yo kuva kuw’IJURU bita kuwa mbere igenekerezo rya 22 gushika kuw’ABANTU bita kuwa gatanu igenekerezo rya 26 z’uku kwezi n’uyu mwaka nyene.
Aya masengesho muyatumirire abantu bose, ababanyi, aboroshe n’abahambaye n’abari mu mashengero n’amadini atandukanye twese, twihane twezwe maze tuje imbere y’Imana dusengera amasezerano Uhoraho Imana yahaye Ihanga ry’Abarundi [ 2INGOMA 7:14]. Iyindi mitwaro ni:
(1) Ugusambuze ibikorwa vy’abarozi n’ubushobozi bg’amangetengete mu gihugu cacu c’Uburundi kugira ngo ubugombe bg’Imana bgururuke ku gihugu;
(2) Tuzosanganguza ibibi bitera inzara, ubukene, ukubura kazi n’akarenganyo kugira ngo Imana ishitse isezerano ryayo ry’Imigisha kubayo no ku gihugu;
(3) Tusambuza urwanko, ishari, inzigo n’ibice biri mu bitwa abakozi n’abana b’Imana, ibiri mu miryango, mu babanyi no mu gihugu;
(4) Tuzosengera urukundo, ubumwe n’ukwezwa mu bizera Yesu Kristo nk’Umwami n’Umukiza w’ubugingo bgabo bavavanure n’uburyarya;
(5) Tuzosengera uburinzi kuri twebge no ku miryango yacu mu bihe bitoroshe igihugu cacu n’isi bigiye kwinjiramwo kandi tuzoshime twigina Uhoraho Imana yacu.
Ku giti cawe, nawe urafatanye n’abera bose iyo minsi 5 wiyiriza usenga mukwifatanya n’amasinzi y’Abarundi bari mu gihugu no mu mahanga kugira ngo ugutakamba kwacu kuzohagurutse Uhoraho ku ntebe maze yiyizire kudutabara, nkuko yabikoreye ubgoko bgayo na mbere [KUVAYO 3:7-8], Amen!