Umwanditsi wa BEBA Gidiyoni, Niyungeko Salvatori aravuye mu gacerere

UMUHANUZI NIYUNGEKO SALVATOR YARI UMWANDITSI WA BEBA GIDIYONI ARAVUYE MU GACERERE ATI NI MWIHANE MWEZWE KUKO IVYO IMANA YAVUZE BIRASHITSE NI MUVYITEGE.

Niyungeko Salvator aturuka mu Ntara ya Makamba yari umwanditsi w’Umuvugishwa BEBA Gidiyoni. Niwe yadushikirije amabanga y’ivyo Umuvugishwa BEBA Gidiyoni yavugishijwe vyose ku gihugu c’Uburundi n’ayandi mahanga. Kubera yuko BEBA Gidiyoni atarazi kwandika, Salvatori Niyungeko niye yavyandika vyose akoresheje imashini batiye ku Misiyoni ya Pentekote. Vyose yabishikirije Ihanga Ryera ry’Imana. Yagize ati:
Umuhanuzi BEBA Guidiyoni twagendanye imyaka 20 yari umurundi avuka mu ntara ya Makamaba akaba yari yarahungiye mu gihugu ca Tanzaniya kubera intambara yabaye mu gihugu c’Uburundi mu mwaka wa 1972. Yasengera mw’Ishengero rya Pantecote i GATUMBA muri Tanzaniya mugabo akagenda arashikiriza ubuhanuzi Uhoraho Imana yahora imubgira cane cane aburire Ihanga ry’Abarundi.
Hariho abantu benshi bagiye barishimikiza imburi ziwe abandi bakazubakirako kugira ngo batange imburi zabo ku gihugu c’Uburundi.
Umuvugishwa BEBA Guidiyoni ivyo yahanuye vyose vyagiye biraba mu gihugu cacu c’Uburundi uko yagiye arabitondeka kimwe ku kindi gushika ubu. Ivyo vyatumye n’uyu munsi abantu bose babona yuko yari umuvugishwa w’ukuri w’umurundi wenyene amaze kubaho. Uyu muvugishwa n’Imana yaratashe mu Burundi kandi abandi bakozi b’Imana ntibamwakiriye nk’umukozi w’Imana kuko bari bumvise imburi atanga. Ari mu gihu c’Uburundi ku gatumba iwabo mu ntara ya Makamba, yahavuye afatwa n’ingwara bamutwara ku bitaro bikuru i Makamba, biranka bamufatana urugendo ngo bamutware kumuvuriza mu bitaro bikuru i Bujumbura. Bageze mu nzira, Imana imubarira iti babgire bagusubize inyuma kuko utazokira utegerezwa gutaha kuko igihe cawe kirageze.
Kuko bari bazi yuko ari umuhanuzi adasanzwe, baciye bamwumvira bamusubiza ruguru iwabo iyo yarasanzwe aba kw’itongo. Amaze gushikayo, Imana yamubariye ngo babgire ibigira bishike. Ico gihe mu 1992, amatora y’umukuru w’igihugu ntiyari bgabe. Iwe hama abantu benshi harimwo intwazangabo z’igisirikare ca kera bava za Bujumbura, Bururi, Rumonge, na ruguru baza iwe gusiguza. Yababgiye yuko hagiye kuba amatora kandi yuko umukuru w’igihugu azotorwa bo nyene bazoca bamwica. Ati:”ni mwamwica namwe nyene muzohona”. Imana iyo ivuze ikintu kirasohora. Niko vyagenze yaratowe baca baramwica. Intambara yabaye inyuma y’urupfu rw’umukuru w’igihugu Ndadaye Melchior yamaze imyaka irenga icumi mubo yahitanye n’abasirikare ba leta yico gihe barimwo.

  1. Imana yamubariye yuko mu gihugu c’Uburundi hazoba amatora hanyuma hatsinde umukuru w’igihugu bace bamwica. [Mu 1993 Ndadaye Melchior yaratowe, amaze amezi atatu gusa abasirikare ba leta baramugandaguye kuwa 21 mukwi 10 mu 1993]
  2. Hanyuma n’uwuzomukurikira nawe nyene bazomwica. [Ntaryamira Cyprien bamugandaguriye nawe nyene i kanombe, Kigali mu Rwanda mu kwa 4 mu 1994 amaze amezi abiri gusa ari umukuru w’igihugu.]
  3. Uwuzokurikira ubugira gatatu nawe bazomwirukako. [Ntibantunga Sylvestre aracariho mugabo bamwirukanye ku butegetsi babaje kumutera amazirantoke i Bugendana mu 1996 haciye imyaka 2 yaciye ahungira mu buserukizi bga Amanyamerika]
  4. Hanyuma y’ivyo Imana izohagurutsa imisore n’inkumi bahabge inkomezi nyishi bafise ibigwanisho babe mu mashamba barya inka n’impene zanyu. Bazorwana cane ariko Imana ntizokunda yuko bafata igihugu bakoresheje umuheto kugira ngo ntibahave bakuraho intumbero y’Imana. [ Naho FNL yarisanzwe ihari, aho umukuru w’igihugu Melchior Ndandaye yiciwe imisore n’inkumi yaciye ifata ibigwanisho yitwa Force de la Defense du Peuple (FDP), hanyuma yitwa Force pour la Defense de la Demicratie (FDD) yahavuye yitwa CNDD-FDD izwi uyu munsi, yaje ku butegetsi yaciye mu mishikirano.]
  5. Umwe muri abo bagwananya leta azotwara gihugu imyaka itari mike, yanke n’impanuro z’imiryango mpuzamahanga kandi nawe nyene azopfa mu buro budasobanutse. [Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yatwaye imyaka hafi icumi n’itanu, ataraheza manda yiwe igira gatatu kuwa 8 z’ukwezi kwa 6 mu 2020, leta yatangaje yuko yishwe n’umutima wahagaze. Abantu benshi vyarabananiye ku vyemera gushika ubu ku myaka 55 gusa y’amavuka yaramaze. Umuvugabutumwa akaba n’umuhanuzi yitwa Evelyne Ntunzwenimana arazwi cane kubera mu mwaka wa 2014 yarahanuye ku rupfu rwa Perezida Petero Nkruziza, avuga ijambo azovuga imbere yuko apfa, aho azogwa, aho azohambga n’imodoka zizorerura ikiziga ciwe uko zizoba zimeze. Kandi vyose vyagenze uko yabihanuye.]
  6. Uwo azokurikirwa n’uwundi mukuru w’igihugu w’umusirikare azotwara umwanya nk’uwo urume rumara. Gutwara igihugu bizomunanira atwaze umukazo, igihugu cibasirwe n’ubukene, inzara n’akarenganyo gushika naho mubazomukura ku butegetsi hazoba harimwo n’abiwe.
  7. Uwo nawe azokurikirwa n’uyo Imana yatoranije azoza avuye mu mahanga Iyo Imana yamunyegeje. Umuntu azoba ariko ikimenyetso co gupfa ntazokira naho azoba yarahungiye mu mahanga azokurwayo kugira ngo aze gushitsa ico isezerano ryavuze kandi n’abari mu mahanga bazogwayo. Kubera yuko abantu bazoba barapfuye ari benshi, abazomufasha gutwara azobaronderera no hanze y’igihugu.
    Ico gihe abarundi b’impunzi bazoba baragiye mu bindi bihugu batwawe n’inkukuma canke indege, bazoca bahunguka bagaruwe n’inkukuma nyene. Ico gihe igihugu c’Uburundi kizoca cubakwa neza ku buryo butangaje kandi abarundi nibo bazotwara umuvyuro n’ikanguro kw’isi yose imbere yuko Yesu Kristo agaruka.

Umuhanuzi Niyungeko Salvator akaba yari n’Umwanditsi wa nyakwigendera BEBA Gidiyoni agira ati ikimenyetso ca nyuma nk’uko Uhoraho Imana yavuze tuzobona yuko ishikije ivyo yasezeranye ngico kibonetse. Rero ni mwitegure kwakira amasezerano.
Umwami Yesu Kristo abahezagire, Murakoze!
Salvator Niyungeko Telefone +257 72408852