Igiturire kiguma ciminogoza mu Burundi

I Ngozi, bamwe muba polisi baracarya ibiturire: Abaporisi bakorera mu ntara ya Ngozi baragirizwa ko barangwa n’inyifato mbi harimwo kwaka ibiturire ku mabarara canke ku ma station atanga ibitoro,akaborerwe no kwiha akazi ko gufata amapikiki atawabibatumye. Ivyo bikaba vyemejwe n’uwurongoye igipolisi mu ntara ya Ngozi aho amenyesha ariko ko muri rusangi iyo ngeso iriko irakosorwa.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Martin Niteretse amenyesha ko adashimishwa n’izo ngendo za bamwe mu bapolisi n’inyamiramabi, akaba asaba ko amategeko yokwirikizwa uko yanditse kuko iyo ngendo icapfuza urwego rw’igipilisi.

Niteretse akibutsa abo bajejwe umutekano ko hari ivyaha bitababarirwa harimwo kwaka igiturire, ugufata ku nguvu, ukwica umuntu no gukora frode. Agahamagarira abapolisi bo mu ntara ya Ngozi kuvira hasi rimwe kugira bagwanye ayo mabi.

Ivyo bikaba vyavugiwe mu nama yahuje uwo mushikiranganji n’abaserukira abajejwe umutekano mu ntara ya Ngozi kuri uyu wa 4.