Imitego n’urwanko rw’abansi bawe birashobora kubatera kubona Imana yawe bikabatera gutinya

HAR’IGIHE IMITEGO Y’ABANSI ITUMA BABONA IMANA YAWE.

 » Kandi Sauli amenya yuk’ Uhoraho ari kumwe na Dawidi, arabitahura. Kandi Mikali umukobga wa Sauli yakunda Dawidi.
1 Samweli 18:28″.

Iki gihe Umwami sawuli yari yipfuza uburyo yokwica Dawidi,ariko agambirira kumwica kubwenge.Amuha ikibazo atari yibaza ko Dawidi yokivamwo adapfuye.Amubwira ko kugira ngo amuhe umugore,adakeneye inkwano,ahubwo ashaka ubugabo ijana azoshahura abafilisitiya.
1sam18:25

Dawidi yumva nisawa,kuko Umwami sawuli atamusavye inkwano(kuko ntanaho yari kuyikura).Dawidi rero aja kurugamba n’ingabo ziwe,yica abafilisiya amajana abiri,ubugabo bwabo abuzanira umwami Sawuli.Sawuli rero biramutangaza,kuko atabiziga,ahubwo yaziga ko Dawidi agiye yafadika,bazoca bamwica.Twasomye ngo kandi Sawuli amenya yuk’ Uhoraho ari kumwe na Dawidi,arabitahura.

Burya abandi(abansi bawe),abagutega imitego,iyo ugendana n’Imana,igihe kiragera bakabitahura.
Bashobora kuba bari basanzwe bazi ko uyubaha,ariko batarabitahura.Niko vyagendekeye sawuli rero.Imitego yatega dawidi akayisimbuka,
yamweretse ko Uhoraho ari kumwe nawe.

Abantu bashobora kuguharurira imisi,ariko ibintu bikarushiriza kuba vyiza.Bakibaza ko ivyawe atanakimwe kizoja imbere,ariko bagatangazwa n’ubuhinga bw’Imana kubuzima bwawe.

Abantu ntibabona Imana mubuzima bwawe kuko uyubaha gusa,ahubwo bayibonera no muvyo igukorera,no muntambwe iguteza.Ntibishoboka ko abantu batabona Imana mubuzima bwawe,nimba koko ugendana nayo.

Nivyo ibibazo turabicamwo,ariko nomuri vyo abandi bahabonera Imana yacu.Ni igihe abantu bibaza ingene ubayeho bikabasiga.

Imana izokwiyereka muburyo bumwe canke ubundi,bitume n’abatayizi bayibona,
banabitahure,bikunze bamwe banakurikire inzira wafashe.Vyose bizoterwa n’ingene wihaye Imana,nayo ikivanga muvyawe.Muhezagirwe.