Ivyo abenegihugu bakoresha mu gucana bitera bizimba.

Abo banyagihugu bamenyesha ko ibiciro vy’amakara n’inkwi biguma biduga muri iyi minsi hariko hagwa imvura nyinshi

💬 Nk’uko abaguzi babandanya bavyigana haba mu mitumba canke mu gisagara umufuko w’amakara warazimvye. Bimenyerewe ko ugurwa amafaranga ari hejuru yz 23.000 Fbu ata kuraba ngo ni ay’umukaratusi

Uko vyahora bimeze, amakara y’ibiti vy’ishamba yahora atandukanye mu giciro n’ay’umukaratusi kubera ukutaramba mu mbabura canke ukutaka kwayo. Mu gihe c’ici, uwo mufuko wagurwa amafaranga ari hagati y’ibihumbi 15 na 18 Fbu

Uretse ko amakara yosahirije mu mitumba agurishwa mu bisagara vya #Gitega na #Bujumbura, n’abayakenera ngo ni benshi kubera inkwi zitoroshe kwuma mu gihe c’imvura k’uko n’izo nkwi zazimvye, kw’isoko ya #Kinyinya izigurwa 1.000 Fbu ziteka ibiharage bifungurwa n’umuryango rimwe risa

Kubera ivyo biciro biduze, n’amashamba cimeza nayo nyene arabangamirwa na rirya ata makara namwe atihagararako mu giciro