
Mu kiganiro yagiriraniye n’urwaruka rwo mu gihugu ca Republika Iharanira Demokrasi ya Congo, Prezida Evariste Ndayishimiye yongeye kwumvikana anegura ubutegetsi bwo mu Rwanda.
Evariste Ndayishimiye akaba yagize ati : »Nta kwinubana kuhari mu banyagihugu bo mu bihugu vy’akarere, indongozi nizo zibi…Abanyagihugu bo mu Rwanda bakwiye gutangura kwotsa igitutu [ubutegetsi bwabo]. Ico nzi co n’uko urwaruka rwo mu Rwanda rutoshimishwa no kuba « imbohe » mu karere. »
Prezida Ndayishimiye akaba yemereye urwo rwaruka rwo muri Congo ko azotunganya inama ihuza urwaruka rwo mu bihugu vy’akarere harimwo n’Urwanda ngo higwe ingene hotorerwa umuti ibibazo vy’umutekano biri mu karere.
Ku musi w’ejo, mu birori vyo kwimika Prezida Félix Tshisekedi, Evariste Ndayishimiye, Umukuru w’Igihugu c’Uburundi yarakomewe amashi n’abakongomani bari bitavye ivyo birori nk’umugenzi w’igihugu cabo yabafashije kugwanya « agasomborotso » k’igihugu c’#Urwanda.