I Makamba amazi ava ku mabati nayo arageramiye imitumba.

Makamba: Bamwe mu baba mu makaritiye yo ku mugwa mukuru w’intara bavuga ko babangamiwe n’amazi ava ku nzu z’abantu. Bamenyesha ko hari n’imitumba iriko ibimanga vyimburuwe n’ayo mazi. Bafise impungenge ko atagikozwe ayo mazi ashobora kubahitanira inzu zabo.

Umwe muri bo agira ati : « abubatse haruguru yacu, bubatse amazu ya kijambere maremare, ashika hejuru. Amazi yose basurira ku mazu yacu. Atagikozwe cihuta, muzoza mwumva imvura yaduhitananye n’ayo mazu, duce duhitana abari hepfo y’ibarabara. Muzodusanga hariya mu mwonga. »

Uwutwara ikigo kijejwe inyubako OBUHA mu ntara ya Makamba, avuga ko amabarabara yo mu makaritiye agiye kwagurwa, yubakirwe n’amakanivo. Ariko asaba abanyagihugu, gushira mu ngiro ingingo zafashwe n’abajewe intwaro zo kwimba ibinogo mu mpangu amazi yoshikiramwo.

Harakwiriye yuko abo mu bisata bijejwe inyubako bakora ivyo bajejwe inzu yose ikagira aho ishira amazi avuye kunzu n’ingene uwo mugende wubakirwa.