Mu Rumonge amazi ya Tanganyika araduga akinjira mu mazu y’abantu.

Rumonge:Ukuduga kw’amazi yatanganyika birahungabanya ibikorwa Ku kivuko.

Abakorera ku kivuko ca Rumonge bamenyesha ko bafise ingorane zo gupakurura no gupakira ibidandazwa vyabo mu muduga kubera iduga ry’ikiyaga #Tanganyika ryibonekeza muri ako gace .

Imiduga ipakurura ibinyobwa vya #Brarudi canke iyipakira ibidandazwa nk’isima,ifarine,ifi canke imbaho ihagarara mu mazi.

Abadandaza bahakorera bakavuga ko vyatumye bakoresha amafaranga menshi mu gupakira canke gupakurura ibidandazwa vyabo bagasaba ko ico kivuko cokubakwa.

Musitanteri wa komine ya #Rumonge arahumuriza abakorera kuri ico kivuko aho amenyesha ko bitegekeganijwe ko ico kivuko gitangura kwubakwa muri uno mwaka turimwo wa 2024.