
AMASEZERANO UHORAHO IMANA YAHAYE IHANGA RY’ABARUNDI
Uhoraho Imana yahishuriye aya masezerano y’igihugu c’Uburundi abavugishwa rurangiranwa benshi kandi asanzwe yanditse muro Bibiliya Yera nk’uko umuhanuzi Yesaya na Mika babihishuriwe muri [YESAYA 19:18-25, MIKA1-4]. Ivyiza bikuru bikuru biri mw’isezerano Uhoraho Imana yahaye Ihanga ryacu n’ibi:
- Twagiriwe ubuntu bgo kuba twohamagara Uhoraho Imana nawe akaza kuba mu gihugu cacu c’Uburundi.
- Igihugu c’Uburundi, Uhoraho Imana yitoranirije Isirayeli niwe yaragitoranije Uburundi ngo Abarundi bamubere Ihanga Ryera.
- I Burundi, Uhoraho Imana y’Ubushobozi yahatoboye iriba ry’Agakiza, Ivugururwa, Umuvyuro n’Ikanguro kandi n’abanyamahanga bazorinywako.
- Uhoraho Imana yarobanuriye Ihanga Ryera ry’Abarundi ngo rizotware ivugururwa, umuvyuro n’ikanguro kw’isi.
- Nta migambge, imihari n’imigwi. Nta madaini n’amashengero bizobera intambamyi Uburundi bg’Isezerano, Imana yarahaye urutonde abo yatoranije.
- Imbibe z’igihugu c’Uburundi bg’Isezerano zigiye kwaguka kubera agakiza.
- Isi aribgo butaka bw’Uburundi bugiye kuvumurwa, isi ndimwa yimbuke, inzra n’ubukene bizimangane, haboneke ibitoro, ubutare n’ubundi butunzi.
- Uhoraho Imana Isumba Vyose yasutse Mpwemu y’ubwenge, ubumenyi n’ibitanganza mw’Ihanga ry’Abarundi.
- Igihugu kigiye kugira amahoro n’iterambere, ifaranga rigire agaciro, impunzi zose zitahe n’abanyamahanga bipfuze kuza kwibera I Burundi. Hazoba ubumenyi n’ubushakashatsi, ubuvuzi, ubuhinga na tekinolojiya, amabarabara ya kijambere, amagorofa maremare vyubakwe, amagari yo kundarayi, indege nyinshikirere, ubgato mu biyaga n’ibigendajuru.
- Igihugu c’Uburundi kigiye gutera imbere mu buhinga bga gisirikare, igendereza, umutekano n’ubutungane.
- Urwanko n’amacakubiri y’amoko, imiryango, intara, imigambwe n’amadini bigiye kuzimangana mu Barundi.
- Ikirundi ni ururimi rw’Ihanga Ryera ry’Imana, ururimi ruhawe agaciro gakomeye kandi rugiye kumenyekana kw’isi yose.
Uhoraho, araje gukubura ikibi n’aban yakibi kugira ngo ashitse isezerano, mwihane mwezwe kugira ngo muzobone ivyo vyiza!
IHANGARYERA@GMAIL.COM
TEL +33 753108626
na +257 72408852