Abakozi b’Imana barongeye intama bategerezwa kwigisha abantu kutarya ibiturire nk’ibindi vyaha.

« Ibintu vyo kuba abakirisu ku munsi w’Imana, ku wa mbere abantu bagaca batangura kurya ibiturire bihagarare… »

Abarongoye amashengero nabo nyene basabwa kuza barafata imyanya yo guhanura abayoboke babo bafise ubuzi, bakumvishwa ko kurya no gutanga ibiturire, kurenganya n’ibindi ari icaha kandi bakabigarukako kenshi ntibaze barasangira bwaca bagaca barya canke batangisha ibiturire…

⛪ Emmanuel Sinzohagera, umukuru w’inama nkenguzamateka, ahamagarira abayoboye amashengero guterera umuganda muri iki gikorwa kuko gutunganya igisata c’ubutungane ari igikorwa c’Abarundi bose… »

Ikindi umukuru w’inama nkenguzamateka asaba n’uko abacamanza bagurirwa imashini zibika amajwi y’ababurana…

« Iki ni kimwe mu vyofasha mu kugabanura imyidogo y’abenegihugu, kuko hari ababurana usanga bidoga ko ivyegeranyo bikorwa ku mburano usanga atari vyo, hanyuma hakabura ababavuganira »

Domine Banyankimbona, umushikiranganji w’Ubutungane: « Niko ko hari ababikora nkana, bagakuramwo ivyotuma umuntu atsinda mu kwandika icegeranyo, abenegihugu bakarira bagira bati : “Ivyo amasura yanje yavuze ntivyashizwemwo” ». Umushikiranganji aremera ko bagiye kubitunganya neza, uburyo bukaronderwa, bigashirwa mu ngiro.