Ibikorwa vy’amasengesho bikwiriye gutandukanywa n’ibikorwa vy’imigambge kandi bikagira intumbero itomoye.

Imana ntuyereka kazoza ko mu myaka 20-40 izoza ni yo ifise kazoza kanyu mu minwe. Igikorane c’imisi itatu co kwereka Imana ihangiro rya 2040-2060 mu mugambwe Cndd-Fdd gisa n’uko iyo ntumbero icuritse kuko Imana niyo ibereka imigambi yayo ya kazoza.

Nk’uko wama ubikora mu ntango za buri mwaka, umugambwe uri ku butegetsi mu Burundi « CNDD-FDD Abagumyabanga » uzotunganya igikorane c’amasengesho.

Ico gikorane kizobera i Gitega muri Quartier Magarama, kikazotangura ku wa 25, gihere ku wa 27 Nzero 2024.

Ico gikorane kikazoba kigamije kwereka « Imana ibikorwa ibikorwa vy’abagumyabanga ngo ihezagire yongere ishikane Uburundi kw’ihangiro rya 2040-2060 » nk’uko tubibona mu civugo catangajwe n’uwo mugambwe.

Kugira ngo abantu batumbere Imana y’ukuri bayisenge nayo ibahezagire bategerezwa kubanza kuba bafise ukwemera kumwe, n’ukuvuga bahuje umutima n’inama. Umu Katolika, umu Islamu, Umu poroti, Umu pfumu n’abandi bemera ibindi bakoranye bohamagara Uhoraho Imana ikabahezagira canke yururutse yobakorera ikindi kintu!

Abantu biba, barya ibiturire, basambana, bica bakabesha, bankana bagakora ibizira ntibaja hamwe ngo basenge Imana bataravyihanira kureka. Kenshi aho gukura umuhezagiro imbere y’Imana bahakura umuvumo igihugu cabo kikarangwamwo ubukene n’inzara, ubusuma n’urwanko, akarenganyo n’igikenye. Tuzohore twikebuka iyo tuvuze yuko tugiye gusenga.