Ubuhinga bgo gushira imbuto mu muvyeyi hakavuka ikibondo buriko buratera imbere mu Burundi

IMBONEKARIMWE mu Burundi.

Umukenyezi w’umurundikazi w’imyaka 60, ahejeje kwibarukira ikibondo. Uko ni ukuri kwamye!

Carine Barantwaririje, akaba yibarutse babanje kumubaga ku bitaro Tanganyika Hospital vyo mu gisagara ca Bujumbura. Vyandikwa n’ikinyamakuru Le Renouveau.

Barantwaririje akaba yibarutse umwana w’umuhungu w’ibiro bibiri n’amagarama indwi(2,7kg). Ico twomenya : Uwo mukenyezi akaba yatwaye iyo mbanyi habanje gukoreshwa bwa buhinga bwo guteraniriza intanga hanze y’imibiri (fécondation in vitro) hanyuma zimaze gufatana zikaba urubuto rumwe rugaheza rukarungikwa mu gitereko c’umukenyezi hakoreshejwe ubuhinga bwo kwa muganga.

Uwo mukenyezi yari yarongowe mu mwaka wa 1992, akaba atari bwaronke umwana n’umwe.

Léonard Rubangara, umugabo w’uwo mukenyezi akaba ashimira Imana kuba umuryango wiwe uronse ikibondo ku buryo butoroshe.