
Bururi : Hari umunyororo « yapfiriye mw’ibohero rya Bururi », mw’ijoro rishira uwa kane. Amakuru ava muri iryo bohero avuga ko uwo mugabo w’imyaka 50 yari amaze ikiringo cababa indwi arwaye, yivuza ku bajejwe amagara y’abantu muri iryo bohero. Uwurirongoye ntaco yabivuzeko kuko ngo ata makuru arekuriwe gutanga.
Abaharanira agateka ka zina muntu i Bururi basaba abajejwe amagara y’abantu mu mabohero ko babonye umunyororo atera aremba kumurungika ku bitaro bikuru. Bafatira ko urwo rupfu rutabaye giturumbuka.
Uwo munyororo avuka ku mutumba Taba muri komine Mugamba yari apfungiwe muri iryo bohero ikiringo kidashika ukwezi. Yariko abazwa ku bijanye n’umuntu yishwe kuri uwo mutumba, nk’uko inkuru ziva i Bururi zivyemeza.
Si uwa mbere apfiriye mu munyororo kubera kubura ukwivuza neza. Hari abidoga yuko n’agateka k’abidegemvya katubahirijwe kubera ubutungane bugoyagoya.