
Abafise ibanga bibiwe n’ijuru nibo bonyene batahura Ihanga Ryera ry’Imana icarico. Ni abantu bagiriwe ubuntu bahamagarwa n’Uhoraho Imana, abatuma kwitandukanya n’amadini n’amashengero, imigambge n’imihari, ivyaha n’utwaha kugira ngo bihane neza bezwe maze mbakorere Uhoraho Imana.
Ni abahawe isezerano n’Uhoraho Imana, ibatuma (1) Kuzigama no Kwigisha ukuri kwose kw’ijambo ry’Imana, (2) Gukangura no Gutunganya Umugeni Yesu Kristo azoza gutora, (3) Kwerekana no kugaruana igitinyiro c’Uhoraho Imana mu bantu, (4) Guteramira amasezerano y’Ishengero n’ay’igihugu.
Ihanga Ryera ry’Imana ribarira ubutumwa umuntu umwe ku giti ciwe kandi rikamukurikirana mu kumurera mu gakiza, ntirifata abantu mu kivunga canke ngo rimuremereze amabgirizwa y’abantu. Rimudhikana ku kurongorwa na Mpwemu Yera no gushika ku musaraba.
Tzizere yuko abazazaniwe baronkejwe umuco kuko baravye ivyo Ihanga Ryera ry’Imana rikora baca batahura ingendo yaryo.