Ikigeragezo cose kirafise umwanya kumara ariko iyo kirangiye hakaba ingororano itagereranywa.

« Baramubamba, bagabura impuzu ziwe, barazipfindira, ngo bamenye iyo umuntu wese atwara. Igihe bamubamba zar’ isaha zitatu.
Mariko 15:24-25″

Uyu yari Yesu bafashe, baramubamba,
dusomye ngo igihe bamubamba zari isaha zitatu.Rero ntiyaciye apfa ako kanya,ahubwo yapfuye sacenda.Yamaze kumusaraba amasaha atandatu,imisumari imurya,ari mumubabaro urenze uko wovugwa.

Burya ikigeragezo cose kigira igihe.Womenga Imana yari gutuma Yesu aca ashoka apfa,kugira ngo imurinde kuguma ababarizwa kumusaraba amasaha nk’ayo yose,ariko yaramuretse,
arakubitika nk’abandi bose bari babambanywe,apfa hageze nyene ko apfa.

Hari igihe duca mubigeragezo,
tugasenga twibaza ngo buca Imana ibikuraho,ariko ikabireka,bikahaguma umwaka wambere,uwakabiri,…,gushika igihe yo nyene ibonye ko bikwiriye ikadutabara.

Nka Yosefu muri Egiputa,ntawari kumenya impamvu Imana yamuretse akamerererwa nabi mumvuto,ikamwibuka akwije imyaka mirongo itatu.

Na Aburahamu,ntawari gutanga impamvu Imana yamuretse agakwiza imyaka ijana atararonka akana.Kandi abo bose hamwe n’abandi benshi bayubashe,hari igihe yabarekera mukigeragezo kandi basenga,igaseruka mugihe yo nyene yashinze.

None gusenga bimara iki no mugihe Imana itaciye iseruka ako kanya?

Inyishu n’uko n’ubwo idashoka iducemurira ikibazo,mur’uko gusenga nyene iduha inkomezi zo kucihanganira.Iyo tudasenze naho,turacika intege,kandi bikaba vyokworohera satani kudutera ivyiyumviro vyinshi bibi,bikaba vyonadukura mubuntu bw’Imana.

Rero hari ibigeragezo ducamwo,dusenze Imana ikadusubiza idatevye,ariko hari n’ibindi ireka,ikazobidukura imbere igihe cayo kigeze,kandi n’ubwo bitubabaza irabikoresha mukuduhingura,
mukutwigisha kwizera,
kuturemwamwo intahe,…dukwiye rero kuyigirira icizere,kuko uko vyoba bimeze kwose Yo iba izi ko iyo iriko iratuganisha ari heza.

Abari mu bibazo mwihangane murabe imbere kuko ni heza.