
Hariho ibintu vyinshi biboneka yuko bibangamiye abantu n’ibintu mugabo inzego zibijejwe ntizifate ingingo zibereye hakiri kare ukamengo leta siho iri canke inzego zihari ntizigira uburongozi buzikuriye. Uturorero n’umuyagankuba uguma wiha inkumbi mu gihugu, akarenganyo wumva hirya no hino mu matongo n’ayandi matati atandukanye, n’ibindi. Ubuho hinjiyemwo ikibazo c’amazi ya Tanganyika ariko araduga mu mazu abantu bakidoga mugabo ntihagire ingingo zo gukingira abantu n’ibintu zifatwa. Abanyakibenga ngo:
batewe umutima uhagaze n’iduga ry’amazi y’ikiyaga tanganyika.
Bamwe mu banyagihugu baba mu Kibenga mu bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura bavuga ko batewe umutima uhagaze n’amazi y’ikiyaga Tanganyika yasubiye kuduga akirara mu mpangu babamwo naho bagerageza kuzitira n’imifuko y’umusenyi ariko bikaba impfagusa.
Hamwe bamaze guterwa usanga bariko bagerageza gukura ayo mazi bakoresheje imashine ziduza amazi moto pompe aho bavuga ko mbere bibatwara uburyo bwinshi.
Abo banyagihugu bavuga ko ibintu vyunyurwa n’amazi y’imvura atagira imigende iyatwara ntatembe.
basaba reta gufasha kugira ngo bakingirwe ntihagire ibibandanya kononekara.
Bernard Sindayihebura umuhinga mu bidukikije akaba n’umwigisha wa kaminuza mu cirwa yakoze yerakanye ko amazi y’ ikiyaga Tanganyika ashobora kuduga ku rugero rwo hejuru, akabangamira ibintu vyegereye inkombe z’ico kiyaga, na cane cane mu kwezi kwa gatanu 2024 kurusha urugezo ataribwashikeko kuva mu 1964.
uyo muhinga asigura ko abenyagihugu bo muri iyo micungararo bokwitegura kuko bashobora kuzohava bahunga, mbere ko n’abajejwe intwaro bobibamenyesha hakiri kare. Hategerezwa kuba hariho ivyigwa biriko birakorwa vyo kwiga ingene abenegihugu botegura ingene bazifata n’ico leta izobafashamwo igihe amazu yabo azoba yarengewe n’amazi.
Hariho n’imetero 150 umuntu wese yategerezwa kwigirayo ikiyaga uhereye aho umusenyi ukora ku kiyaga uri. Ariko vyose ntivybahorijwe bigatuma abasinzikazwa n’iduga ry’amazi baba benshi.