
Amasengesho arababaza abantu benshi kandi nta n’amahoro abaha kuko benshi bafadikanya ivy’Imana n’ivya satani. Iri kete ririmwo amahinyu yerekana yuko atari umushikiranganji ya ryanditse mugabo bakaguma barikwiragiza nk’ubutumwa bgatanzwe na leta.
(1) ingene umushikiranganji asinya ikete bitandukanye n’urwo rwandiko. (2) ntakoresha ikaramu itukura mu gutera umukono, (3) ntiyandika ikete ritagira inomero, (4) kandi ntarungika ikete ritagira aba rimenteshejwe nk’abapolisi, aba bulamatari bajejwe intwaro n’umukuru w’igihugu. (5) Inyandiko irimwo amakosa, ntiyokwandika Imana na i ntoya kandi afise indome akoresha mu kwandika amakete yo mu bushikiranganji arongoye. Iryo kete mwabonye ni igihuha c’iciganano c’abagomba kujuragiza abasenga.
