Abarundi barazinzwe n’impwemu yo gusabiriza no kurondera ubufasha kuvyo dushobora kwikorera

Busoni: ubuzu bwa surwumwe bwarashaje kw’ishure, umuyobozi arasaba ubufasha

Aho ni kw’ishure ryisumbuye #KABANGA muri Komine #BUSONI y’intara ya Kirundo.
Umuyobozi w’iryo shure amenyesha ko utuzu twa surwumwe iryo shure ryari rifise twuzuye twongera turasambuka kubera dushaje.

Jean Marie NTIRANDEKURA avuga ko uburyo bukenewe kugira hubakwe ubwiherero bushasha iryo shure ritoburonka kuko hasavwa imiriyoni zirenga zibiri. Amemyesha kandi ko n’aho yoterereza abavyeyi b’abana barereye kuri iryo shure ubwo buryo butokwira.
Abana biga kuri iryo shure basanzwe ari bake, umuvyeyi akaba yotanga amafaranga arenga ibihumbi 40 vy’Amarundi, akibaza ko batobyemera.

Umuyobozi w’ishure ryisumbuye rya KABANGA atabaza abagiraneza n’intwaro gufasha kugira ico kibazo gitorerwe inyishu kuko ata gikozwe vyihuta bashobora guterwa n’indwara ziturutse ku mwanda.
Ishure ryisumbuye rya KABANGA rikaba rifise abanyeshure 55 biga mu bisata bibiri ari vyo ic’ubutunzi hamwe n’ic’ubuhinga.

Amasure arakwiriye gutunganywa ku buryo ari abarezi, abarerwa n’abavyeyi bose bumva yuko amasure ari ayabo kandi yuko ari ikibuze canke icononekaye bashobora ku gikora batarinze gusaba ubufasha bgo hanze. Akarorero amatafari barashobora kuyikorera bo nyene ubgabo, babuze amabati bakikorera n’amategura. Ukwimba ibinogo no kurondera ibiti bakoresha barashobora kuvyironfera hagasigara isima, imisumari n’utundi twa nkenerwa dushobora gutererwa n’ubutegetsi bga commune, ubgintara, abadandaza ku giti cabo kandi vyose bigakorwa arama tangazo arinze gutangwa kuko utwo ni utuntu duto dukorerwa nko mu muryango. Kwubaka utuzu twa sugwumwe ntibisaba guterereza birebire!