Akamaro k’isukari abantu benshi batari baze.

Abantu bazi yuko isukari iryosha ibinyobga n’ibifungurwa gusa nkuko bogirwa mu bihugu vyose vyo kw’isi. Ubushakashatsi mu buhinga bgo kuvura ibiguma vy’abantu, bgasanze abantu bakomeretse cane nk’abakomerekera mu ntambara bakoresha isukari mu kuvura ibiguma. Isukari ku gikomere gituma uwakomeretse atababara kandi igatuma ikiguma gikira n’ingoga.