Amabarabara amabanga iwe mur’ibi bihe vy’imvura mu gihugu hagati.

Rumonge: Ibarabara ry’igihugu inomero 16 (Rumonge-Bururi) ryasubiye kunyika ku mutumba Murambi muri komine Rumonge. Abarikoresha batinya ko ricika, bigatuma urudandazwa hagati y’izo ntara ruhagarara. Abafise ingendeshwa babona ko atagikozwe imiduga itazosubira kuronka uko irengana. Basaba ko ryosanurwa vuba.

Umwe mu barongoye umutumba Murambi avuga ko ico gice c’ibarabara kimaze gusanurwa akatari gake n’ikigo ARB kijejwe amabarabara. Atera akamo reta y’Uburundi guharukira iryo barabara. Musitanteri wa komine Rumonge amenyesha ko ico kibazo amaze kugishikiriza abamukurira ngo batabare.