Kigwena: nk’ayandi mashure ariko araraba intererano yo kwubakirwa utuzu twa sugwumwe naryo n’uko!

Kigwena: ishure rifise ubukene bw’utuzu twa surwumwe

Utwo tuzu twa surwumwe dukenye kw’ishure shingiro rya kigwena ya kabiri. Ni muri komine na Rumonge Province .
Hari utuzu twa surwumwe tubiri, kamwe muri bwo karabomotse. N’agasigaye biboneka ko umwanya n’umwanya gashobora gusiduka na ko nyene.

Samuel NTIBAKUNDWA, umuyobozu w’iryo shure avuga ko ku ruhande rwabo bakoze ico bashoboye ariko birabananira kubwubaka kubera uburyo buke iryo shure rifise.
Uwo muyobozi avuga ko ico kibazo yagituye abamukurira ariko kugeza akaba ata kiravamwo.

Samuel NTIBAKUNDWA arasaba ababijejwe gufasha kugira abanyeshure bangana 750 biga kuri iryo Shure baronke ubwiherero.

Mu buyobozi bw’indero muri komine Rumonge bamenyesha ko mu bihe nk’ivyo, ishure rishobora gutunganya inama n’abavyeyi kugira ngo bige ico kibazo.

Abantu bagenwa mu mabanga yo mu ndero co kimwe no mu yandi mabanga y’igihugu bakwiriye kuba ari abantu babikwiye, bakunda umwuga bakora kandi bawunezerererwa, abantu iyo hadutse ikibazo cose barondera kugitorera umuntu bari kumwe n’abo basangiye ibikorwa.