
Kirundo: Abantu 9 harimwo abakozi ba OBR, abagwizatunga babibiri, umunyagihu wa Uganda umwe n’abandi barapfunzwe bakurikiranwa mu kudandaza ikawa irenze izo baguze
Abo bapfunzwe ni uwuserukira ishirahamwe #KIJSCO yadandaje imifuko 346 (umufuko umwe upima 60) n’ibiro 45 vy’ikawa yose hamwe bikaba ari ibiro 20.805 nk’uko biboneka ku masezerano yo kudandaza (Accord de vente) ya ODECA (Office pour le Développement du Café du Burundi) n’uburenganzira (Licence) vyemejwe na Banki nkuru y’igihugu BRB hamwe na n’uruhusha rwo gushora (Mise à l’export ) rwa ODECA avyerekana no ku cegeranyo ca OBR co kuwa 22/12/2023. Ico cegeranyo kikaba catanga uburenganzira bwo gupakira iyo kawa mw’ishirahamwe HORAMAMA
Vyose biri mu vyemezo Jimbere ifise vyerekana ko amadorare y’abanyamerika 51.240,5 yinjiye muri BRB. Amafaranga angana n’imiriyoni 145.785.933 Fbu akaba yarinjiye kuri compte ya KIJSCO
Impusha zitanga uburenganzira bwo kudandaza no gupakira izo kawa zose zirakwiye nayo iza ODECA zitanga uburenganzira bwo gupakira no gushora ikawa mu gihugu ca Uganda zose zateweko igikumu n’abayobozi batandukanye harimwo n’aba ODECA nk’uko impapuro zibandanya zivyerekana
Icateye amadidane abapfungiwe iyo dossier kuva kuwa 13/01/2024 kandi badandaje ikawa zikarihwa nk’uko bigenda ama dorari akinjira mu kigega, umuguzi agahabwa uburenganzira bwo kuzipakira (mise à l’export) abuhawe na ODECA, ikawa zarafatiwe k’urubibe rwa Gasenyi – Nemba igihe zari zijabukanywe mu gihugu c’Uuganda uwadandaje akaba apfunzwe
Uwuserukira ishirahamwe KIJSCO atabaza avuko ko nimba hoba harabaye kwihenda mu gupakira izo kawa yaguze atobibazwa na rirya atariho yarari aho zapakirwa. Abakozi 2 bo mwishirahamwe HORAMAMA mu ntara ya #Kayanza risanzwe ribika izo kawa nabo bati: « Ikawa zanditse ku mpapuro wagurishije (KIJSCO ) nizo twahaye umuguzi( wo muri Uganda) yaguriye KIJSCO nk’uko impapuro zemewe n’amategeko zivyemeza »
Mu butungane muri parquet ya Kirundo bati: « Ikawa zafashwe zararenze ibitigiri vyanditse ku mpapuro. Izo kawa zirenga kuzo KIJSCO yaguze zari zavuye mu ntara ya Gitega ziguzwe n’ishirahamwe JIGEBUCO ishirahamwe naryone ridandaza ikawa .izo kawa zikaba zapakiwe mu modoka (camion) ari imifuko 280 hamwe n’ibiro 29. Umuguzi yaguze n’ishirahamwe JIGEBUCO rizikura mu ntara ya Gitega niwe yazipakiye . Iyo modoka ihitana izagurishijwe n’ishirahamwe KIJSCO mu Kayanza izijanira hamwe mu gihugu ca Uganda
Abapfunzwe uko ari 9 bagizwe n’abagwizatunga 2, abakozi 2 b’ishirahamwe HORAMAMA, abakozi 3 ba OBR, umunyagihugu ava mugihugu ca Uganda, n’uwafashije Abo bagwizatunga bagatakamba bavugako batabona ico bazira kuko bafise uburenganzira bwo kugurisha izo kawa, bakaba bararishe izavuye i Gitega no mu Kayanza nk’uko amasezerano abivuga kandi biboneka ku vyegeranyo vyose kandi biteyeko ibikumu n’abegwa n’igisata c’ikawa
Umushikirizamanza wa Repuburika mu Kirundo akaba akibandanya amatohoza mu gihe izo kawa zibitswe ku rubibe rwa Gasenyi-Nemba muri komine Busoni intara ya Kirundo.
Si irya mbere kandi si irya kabiri abujejwe kwubahiriza amategeko aribo bayahonyanga mu kwiba, kunyuruza, kurenganya canke gukorana n’inkozi z’ikibi mu gukora ivyaha. Mwene abo uko ubapfunga niko bamenya amayeri yo kwiba kandi niko bamenya n’inzira zo gupfungurwa. Ikintu gikuru leta ikwiriye kumenya kugira ngo itorere umuti ikibazo c’igiturire n’ibindi vyaha bikorwa n’abari mu nzego z’igihugu ni ukubanza kubenya igituma bakora ivyo vyaha hanyuma ugatorera umuti ako karanda.