Patirisi Ntafatiro: Umurundi canke umunyamahanga akwiriye kwubaha ibintu vy’uwundi ntavyitiranye na rwiwe.

Umuronzi w’ikirundi Patrice Ntafatiro arasaba abakoresha ibintu aronga kuza baravuga aho babikuye.Kuri we ivyo yemeza ko amaze kuzana bironze bisigaye bikoreshwa n’ibi:

-Ijambo « Umwubahwa »avuga ko ariwe yaritanguje, mu gukosora ijambo « Nyakwubahwa »ridaha agaciro umuntu yubashwe arikwiriye,kuko umwise Nyakwubahwa ntuba umwubashe uba ubimwipfurije.

-Ijambo « Abarundi b’Ishwi »risigura abarundi baba mu mahanga bakunze kwita aba Diaspora naryo nyene ngo niwe yaritanguje.

-Ijambo « Nyeninganji » rikwiye kwitwa umukuru w’igihugu kuko « Nyenicubahiro » basanzwe bamwita arisangiye n’icegera ciwe, umutambukanyi wiwe ndetse n’umushikaranganji wa mbere, Ntafatiro akabona ko akwiye kwitwa izina yisangije ariryo « Nyeninganji ».

Ntafatiro arashavuzwa n’abantu baza barihagira ibintu vyiwe bakavyiyitirira, kandi ko bamwe mu barundi bafise ingeso yo kwihagira ibintu vy’abandi akabasaba kuvavanura n’iyo ngeso.

Ntafatiro Patrice aherutse gusohora igitabo yise « UBUSUMA BUGUSIGA AHO BUGUSANZE » akazogishira ahabona icese italiki 24/02/22024.

Mwari muzi ico arico Umuronzi?

Umurōnzi ni
Umuntu aronda (arondera) ivyo avuga, akagira uburonzi.
Umuntu aronga ivyo yarondeye ngo abiguhe bironze!

Abantu bafise canke bakora ibikorwa bisangije bakwiriye kwubahirizwa muvyo bakora canke mu mwuga wabo mbere bakanunganirwa n’ubutegetsi bg’igihugu.