Ugire inyifato nk’iyumwami Dawidi imbere y’abakuvugako ivyo bishakiye vyose

INYIFATO YA DAWIDI IMBERE YA SHIMEYI.

« Maz’ umwami Dawidi ashitse i Bahurimu, hasokoroka umuntu wo mu muryango wa Sauli yitwa Shimeyi mwene Gera, agenda aramutuka inzira yose. Agenda aratera umwami Dawidi amabuye, n’abantu biwe bose; kand’ abantu bose n’abahizi bose bari bamuhagatiye i buryo n’i bumoso. Uku ni ko Shimeyi yagenda aramutuka, ati Genda, urakagenda, wa mwicanyi we, wa mugesera we!
2 Samweli 16:5-7″

Iki gihe Abusalomu umuhungu wa Dawidi yaramugararije,Dawidi atinye ko ahava amwica amutembagaje kungoma,aca arahunga.Niko guhura n’umugabo yitwa Shimeyi,aca agenda aramutera amabuye, amutuka ibitutsi biremereye atawokwubahuka kubibwira umwami acunzwe n’ingabo,kuko Dawidi yari arinzwe.

N’iki catuma Shimeyi ahangara umwami?

Wewe usoma iri jambo Uwo uri we sindakuzi,ariko rimwe canke kenshi uzohura n’umuntu icubahiro cawe atagiha agaciro,agufate uko utari ukwiriye gufatwa.Uko ninako vyagendeye Dawidi.Umwami nyakubahwa,yahuye n’umuntu agenda aramutuka avuga ko ari umwicanyi,
umugesera.

Shimeyi ntiyatinye ingabo zari zicunze Dawidi.Mbere umwe muri bo yasavye Dawidi ko yomureka akamuca umutwe kuko yarahangaye umwami,ariko Dawidi aramubuza.

Ba Shimeyi n’ishusho y’abantu bavuga ibintu bidakwiriye kubabaruta batitaye kungaruka mbi vyobazanira.N’ishusho kandi y’abantu bafatira kubibazo wahuye navyo (nk’uko Dawidi yari yahagurukiwe n’umuhungu wiwe),kugira bagutuntuze muvyo bavuga canke munyifato yabo.Ariko rero,waba woroheje,waba ukomeye,Shimeyi uramukeneye.Uti gute?

N’uko Shimeyi Imana imukoresha mukukwigisha kudakoreshwa n’ibigumbagumba.

Imana irashaka ko tuba abantu badategekwa n’ibigumbagumba
(n’amarangamutima).
Irashaka ko dufata icemezo ciza,ko tuvuga amajambo mazima,no mugihe tutaba turiko twiyumva neza.Imana rero irareka umuntu nka Shimeyi,kugira ikwigishe kwigumya.

Ikindi,iyo witwaye neza,biciye kuri Shimeyi Imana irakwigisha kutarwana intambara z’amajambo.Kuko iyo ugiye ngo muhangane mumajambo uba umushiriye aho ashaka,kuko we ntaba yiteguriye gutsindwa.Dawidi rero yar’azi igikwiriye kuri Shimeyi,yaravuze ati nimumureke antuke,…,kumbure Uhoraho azoraba ayo mbonye,ampe ivyiza mugishingo ciyo mivumo mvumwe uyu musi »2sam16:11-12″.

Umuti wa Shimeyi n’ukumwinumira,
ukibandaniriza urugendo.kuko Shimeyi ntaco agufasha iyo umuhaye amatwi,ntan’ico agutwara iyo umwimye amatwi ukikomereza urugendo.

Iyo urenganye amahoro abantu bafise inyifato nk’iya Shimeyi,uhinduka umuntu azi kuvuga amajambo arobanuwe,
adakoreshwa n’ibigumbagumba munyifato yiwe canke mumvugo ziwe imbere y’abomwibasira abaribo bose.

Gusa,Shimeyi si imisi yose yama yererwa n’iyo nyifato,kuko igihe kiragera akimbura aho yabivye.Kandi niko vyagenze, vyarangiye yishwe kungoma ya Salomo,azize kutumvira,ariko umuzi wavyo vyavuye kuri iyo nyifato nyene. Niwahura n’umuntu afise inyifato nk’iya Shimeyi,uze ubere maso inyifato yawe,Imana irazi uko izobigenza uko igihe kizohaca ntabe akikubangamira ukundi.Ikindi,
ntawubizi,kumwamira ivyamwa kumbure nivyo bizomurokora,akava munzira mbi yazimiriyemwo.Nico gituma atari vyiza kureka ngo inyifato yiwe itume witwara uko bidakwiriye,kuko har’aho yokira biciye kuri wewe. Amen!