Umukuru w’igihugu c’Uburundi Ndayishimiye Evarite yigishiriza abanyamigambge ku mirima yiwe

Umukuru w’Igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye mu rugendo arimwo mu ntara zo hagati mu gihugu, kuri uyu wa gatatu yagirishije urugendo shure abarongoye imigambwe itandukanye kugira bigire ku migambi y’uburimyi n’ubworozi ariko ararangura mu ntara za Gitega na Karusi.
Mu ntara ya #Gitega yaberetse umugambi ujanye n’ubworozi bw’ibizinu , ubw’inka n’ingurube aho akoresha amase y’ivyo bitungwa mu guhingura umuyagankuba ivyo bita biogaz, ahakorerwa igikorwa co kugwiza imbuto zirobanuye z’ibiraya. Yabasiguriye ko ivyo bikorwa bituma hatangwa ubuzi ku benegihugu kandi bikabateza imbere. Abo barongoye imigambwe yabagabiye inka icenda maze abasaba gushinga Ishirahamwe ryabo kugira zibabere umutahe maze bereke abanywanyi babo akarorero mu bikorwa vyo kwiteza imbere.
Umukuru w’Igihugu yabashikanye no mu ntara ya Karusi ahariko habera ubworozi bw’amafi. Aho hose abo barongoye imigambwe basigurirwa ingene iyo migambi irangurwa, uko yatanguye gushika ku ntambwe basanze ibikorwa bishitseko.

Abavyumva n’ababirorera bavuga yuko bisa neza ivyo akora n’izo nyigisho yatanze ariko ababizi bemeza yuko ari ibintu vyo gusanaza Abarundi kubera imvo zikurikira:

1. Ayo matongo aranguriramwo iyo migambi y’uburimyi n’ubgorozi yayanyaze Abarundi bato bato bariko bariteza imbere, arahabimura kugira ngo ahakorere ivyiwe. Amarira sayo abanye Karusi bonyene no muzindi ntara baridoga batari bu ryogore.

2. Mu buryo yakoresheje kugira ngo arangure iyo migambi harimwo imiduga, igitoro n’abakozi ba leta. Asukiranije uburyo bga leta n’ivyiwe bica vyitwa… itunga ry’igihugu. Aho hari utuburungu nawe n’uhuzuze kuko ivya leta birakwiriye gutandukanywa n’ivy’umukozi wa leta. Ahubgo ababikora bose barakwiriye kubiheba.

3. Ingingo y’ijana na rimwe y’ibgirizwa shingiro rigenga leta y Uburundi rirerekana neza imirimo idafadikanywa no kuba umukuru w’igihugu c’Uburundi. Iyo mirimo nayo harimwo uburimyi n’ubgorozi, urudandazwa n’ibindi. Aho rero n’ukuvuga yuko umukuru w’igihugu yakoze icaha co guhemuka mu guca kubiri n’ibgorizwa shingiro ry’igihugu.

4. Abihweza utuntu n’utundi bavuga yuko agomvye kugira urugendo shule, yorugiriye ku murimyi n’umworozi wa kijambere atorugiriye mu rugo iwe ngo yereke abo yigisha yuko abaruta mugabo yari kwerekana yuko Abarundi bateye imbere.

Urashobora kuba nawe ufise ico wiyumvira kur’ivyo umukuru w’igihugu yakoze gitandukanye n’ico abandi bashikirije, vyose ni vyiza yuko abantu bungutana ivyiyumviro, iciza kikitwaciza, ikibi kikitwa izina ryaco ariko rero aho itunganywa ry’igihugu cose ripfira, umuntu wese yomenya yuko ari mu kutubaha amategeko.