
Iyo tuvuze yuko Uhoraho Imana agira ashitse Isezerano ry’igihugu c’Uburundi, ntituba tuvuze ca civugo ca leta y’uBurundi ngo “Imbonakazoza y’Uburundi yo mu 2040-2060” bahavuye bavuga ngo ni umugambi w’Imana. Birya bavuga ni ibihendwabana kuko igihugu cifashe mu 2040, ubu mu 2024, abantu baba babona amabarabara n’amahinguriro biriko birubakwa. Kubera iki abategetsi bahitamwo imvugo y’urusinziriza ku Barundi mu kubereka ibicapo vyo muri kazoza kubereka ivyo bariko barakora ubu kugira ngo igihugu kive mu bukene kirimwo!
Tuvuze yuko Imana igira ishitse Isezerano ku gihugu c’Uburundi, tuba tuvuze ivyo Imana iriko iratubarira aho umugambi wayo ku gihugu c’Uburundi igira uve mu buhanuzi wambare umubiri. Imana igira ikoreshe abo yatoranije kugira ngo ishitse ico yasezeranye. Ivyo yasezeranye kugira ngo ubumenye wandika ngaha nyene uti “Amasezerano Uhoraho Imana yahaye Uburundi”, uca uvyisomera vyose nkuko twagiye turabibashikiriza kuva mu 2016.
Ku bantu batizera yuko Imana ivuga kandi igakora, n’uko kumbure batizera inkuru zanditse muri Bibiliya Yera canke batarumviriza ibishingantahe tubashikiriza vy’uturorero tw’ivyo Imana yadukoreye. Yarabanje iravuga hanyuma irashitsa. Tubahe akarorero kamwe kabaye kandi abari ku butegetsi uyu munsi barashobora ku kamenya. Petero Nkurunziza akiri mw’ishamba yinjiye mu masengesho y’indwi zibiri mu gihugu ca Tanzania i Bihalamuro. Mur’ayo masengesho niho yabaririwe yuko intambara igiye guhera kandi yuko azoba umukuru w’igihugu c’Uburundi. Ico gihe nyene niho yabarirwa yuko niyagamburukira Imana akayihesha icubahiro mu gihugu yuko izomuha kuramba kandi yuko n’igihugu kizogira impore kandi gitere imbere. Yaranagabishijwe yuko n’atakora ivyo Imana igomba yuko itazobura kubimuhora. Mur’ico gihe nyene Petero Nkurunziza yahabga ayo masezerano, Denise Bucumi Nkurunziza, aho yasengera ku rusengero mu Bwiza, umukozi w’Imana yahaje ava mu gihugu ca Camerouni yaramuvugishijweko ati: “witwa nde?” Uwundi ati: “Nitwa Denise Bucumi Nkurunziza.” Wa muvugishwa nawe ati:”Mbonye umuntu yitwa NKURUNZIZA abaye umukuru w’igihugu c’Uburundi.” Ivya nta muntu yari kuvyiyumvira yuko vyobaye ukuri. Nti vyatevye muri 2005 ivyari ubuvugishwa vyarambaye umubiri abantu bose barabibona. Ico gihe bikivugwa niho twari kandi vyari bigoye gutahura yuko ipfuvyi yi 1972 izoshika ku butegetsi biciye mu matora mu gihe yari mu migwi irwana itigeze ifata n’agasozi na kamwe mu gihugu ngo ikamareko indwi ikagwanira. Ico Imana yivugiye iragishitsa, ntawukizibira naho yoba yitwaje ibingana gute.
Tukiri ku vyerekeye Petero Nkurunziza nyene, mwibuke yuko kubera ingene yatanguye neza hanyuma bikamugora kubandanya inzira basezeranye n’Imana, twarabashikirije ingene umuvugishwa yeretswe yaguye i Karuzi mugabo akajanwa guhambwa i Gitega. Inyuma y’imyaka 7 ivyo vyashitse uko yavyeretswe. Dufise ibishingatahe vyinshi vy’uturorero tw’ingene Imana ivuga hanyuma igashitsa ivyo yasezeranye, ni naco gituma n’uyu munsi tubamenyesheje yuko Uhoraho Imana yo mw’ijuru igira ishitse amasezerano yose yahaye Ihanga ry’Abarundi.
Ni mwitegurire kwakira ivyo Imana yavuganye namwe. Mu kuvyitegurira si ukundi, ni umwe wese yihana ivyaha vyiwe, akezwa hanyuma uwariwe wese agakora ico yahamagariwe gukora. Amen!