Imvugo y’Imana ku bantu bayo n’iyo kubaremesha, kubatera intege no kubirura.

IMVUGO Y’IMANA KUBANTU BAYO.

« Hinge numve ivyo Imana, Uhoraho, igira ivuge:
Kukw izobgira abantu bayo n’abakunzi bayo ivy’ amahoro;
Ariko ntibaze basubire mu bupfu.
Zaburi 85:8″

Imana irafise uko ivuga kubantu bayo(abayubaha) canke kubatayubaha.Imvugo yayo iratandukanye,biterwa n’umurwi umuntu arimwo.

Twasomye,ngo kukw’izobwira abantu bayo n’abakunzi bayo ivy’amahoro ».

Muyindi mvugo,Imana ntamajambo y’agacavutu canke y’ibicantege ivuga kubayubaha.

Ariko rero,turi murugendo rw’amajwi,aho umuntu yumva vyinshi inyuma canke imbere muri we.Amwe mumajwi avugira mumuntu ashobora kuba ari « naragowe,
ntibizokunda,abantu ntibankunda,sinzokira,ntakazi nzoronka,ba naka bo barahiriwe,… »Mur’ayo majwi yose, ntanarimwe riva ku Mana ririmwo,ayo ava kuri satani,kuko Imana yo « izobwira abakunzi bayo ivy’amahoro ».

Kubantu bayo Imana irabaremesha,ibatera intege,ibabwira amajambo y’ivyizigiro.

Bitewe n’amajwi rero umuntu yumva,bishobora kumuhushisha inzira,canke bikamugumiza munzira.Amajwi iyo atari meza ashobora kukubuza kubaho wishimye,iyo ari meza atuma unezererwa ubuzima uko bwoba buje kwose.

Mukugira umuntu aneshe intambara y’amajwi biramusaba kuba azi ijambo
ry’Imana,iyo haje ibicantege akaryifashisha akongerwa intege.Imana idufitiye imigambi myiza,ivyo abayubaha nivyo dukwiye guhora dushirako umutima no mugihe twoba twumva amajwi atari meza aduteye.

Turangirize kur’uyu murongo:

« Kuko nzi ivyiyumviro mbiyumvirako,ni jewe Uhoraho mbivuze,kw’ari ivyiyumviro vy’amahoro atari ivy’ivyago,kugira ngo mbahe ivyizigiro vyo mw’iherezo ryanyu.
Yeremiya 29:11″.

Kuko w’ihanye ivyaha vyawe ukezwa ubu ukaba ubandanira kwama ugororokera Uhoraho Imana atari mu majambo gusa canke mu nyigisho zibesha abantu ngo uragororotse kuko wizeye, Imana igufitiye imigambi myiza rema kandi utekane.