
IHAME RYO KUBIBA NO KWIMBURA.
« Umubarire, ut’ Uku ni k’Uhoraho agize, ngo Non’ urishe, utak’ ushikira imyandu? Uheze umubarire, ut’ Uku ni k’Uhoraho agize, ngw Ah’ imbga zarigatiye amaraso ya Naboti, ni ho zizorigatira n’ayawe.
1 Abami 21:19″
Ibi vyabwiwe umwami Ahabu,kuko umugore wiwe Yezebeli yari yishe Naboti,kugira ashikire uruzabibu rwa Naboti kuko yari yarwimanye.Imana rero ica imutumako Eliya,ati umubwire ati …ah’imbwa zarigatiye amaraso ya Naboti,niho zizorigatira ayawe.
Ibi bisa nivyo bibiliya ivuga ko ic’ umuntu abiba arico azokwimbura.Yesu we yavuze ko uwicisha inkota azokwicishwa inkota.Musi y’izuba rero,ihame ryo kubiba n’ukwimbura ni ury’ukuri,ivyo umuntu abiba,ari vyiza ari bibi,biba bizomugarukira.
Ariko rero,hari uburyo umuntu yokoresha akabiburizamwo kurugero runana.Nivyo ahabu yaciye akora amaze kwumva ivyago bizomushikira n’ibizoshikira umuryango wiwe kubw’ico yakoze.
« Maze ahabu yumvise ayo majambo,aca yitantamurirakw’ impuzu ziwe,aryama mu magunira nyene,agenda yifumbereje.
1abami 22:29″
Iyi ni inyifato ahabu yagize yo guca bugufi,yo kwihana.Vyakoze kumutima w’Uhoraho,aca abwira Eliya ati « mbega wabonye ingene Ahabu yicishije bugufi imbere yanje?ko yicishije bugufi atyo…,sinzozana ivyago kungoma yiwe,…1abami21:19 ».
Iyi niyo nyifato ikwiriye imbere y’umuntu yisanze muvyo yakoze bibi,ni « ugucabugufi,akihana ».Atabikoze uko,aba abivye imbuto mw’isi y’impwemu,iba izomugarukira vuba canke kera.
Uwurenganya,igihe kiba kizogera bakamurenganya.
Uwiba,aba abivye imbuto mw’isi y’impwemu,nawe baba bazomwiba,kandi bikaba ingaruka z’ivyo yakoze.
Uwusambana,aba abivye imbuto mw’isi y’impwemu,
azokwisanga n’abana biwe iyo mpwemu yarabakurikiranye
(nk’uko vyabaye kuri Dawidi amaze gusambana na betisheba,iyo mpwemu yaciye yinjira no mubana biwe).Kwihana nirwo rupfunguruzo rwo kubiburizamwo kurugero runaka.Kwihana nikwo kwatumye mugishingo c’ivyago vyagira bishikire ninewe,Imana ibagwizako ubuntu bwayo,ntiyabarandura.
Benedata,twese dushobora kugira integenke muburyo bumwe canke ubundi.Ariko dukwiye kumenya ko ico dukoze,ari ciza ari kibi tuba tubivye imbuto mw’isi y’impwemu.Iyo bishitse Mpwemu yera akatwemeza ico twakoze kitari ciza,dukwiye gucabugufi,tukihana,
bizotuma mw’isi y’impwemu tuburizamwo ingaruka zavyo kuruhero runaka.
Igihe cose ugomba kugira ico ukora canke uvuga, igihe cose uriko ushaka gukora umugambi canke ugomba kugira ico ukorana n’abandi, urame uzirimaka yuko ivyo mukora vyose bifise n’ivyo muvuga vyose bifise ingaruka ari nziza canke ari mbi. Nta gikorwa na kimwe kitagira ingaruka nziza canke mbi. Ni wame urondera ibikorwa bivyara umusaruro mwiza kuri wewe, ku muryango wawe no kubandi, amen!