
« Maz’ umwami w’Abisirayeli abarira Yehoshafati, ati Ngiye kwiyoberanya, nje mu rugamba; ariko weho ni wambare imyambaro yawe y’ubgami. Nuk’ umwami w’Abisirayeli ariyoberanya, aja mu rugamba.
1 Abami 22:30″
Iki gihe umwami w’Abisirayeli yitwa Ahabu be n’umwami w’Abayuda yitwa Yehoshafati bafatanije muntambara kurwanya umwami w’i Siriya. Ahabu aca agira amayeri yo kwiyoberanya ngo ntiyambare nk’umwami, ahubwo yambare nk’umusoda asanzwe, kugira bitume abo barwana batamumenya.Niko yabigenje ariko ntivyaje kumuhira, kuko iyo ntambara yayiguyemwo.
Kwiyoberanya munzira ija mw’ijuru ni bibi. Bituma umuntu adashingira intahe Imana kuko kubwo kwiyoberanya hari abatamenya ko atinya Imana. Kandi kuba batabimenya bimukwegera ibishuko atogize iyo aba ari umuntu adatinya kwerekana uw’ari we. Kandi akenshi ben’uyo muntu ntaragama mugakiza.
N’ubwo Ahabu yari yiyoberanije, bibiliya ivuga ngo « Maz’umuntu umwe wo mu rugamba apfa kurasa, agema umwami w’Abisirayeli(Ahabu) ah’ivyuma bimukingira bihurira;.[1abam22:34]
Benedata, iy’umuntu yiyoberanya yiyumvira ko aba yabitoye, ariko uwumugema umwampi ntamenya n’aho avuye(uwumukura mugakiza akamusubiza mw’isi). Abantu bazokwubahira agakiza wabagaragarije ko wakiriye mukubashingira intahe, ariko niwiyoberanya,
ukibwira ngo gikuru n’umutima, kuko abantu umutima batawumenya,
bazokwama bakuzanira ibishuko,kandi babikore ataco bikanga kuko n’ubundi ntiwaberetse ko utameze nkabo.Muri benshi bazokugerageza ntihazoburamwo n’umwe azokugema umwampi. Nico gituma atari vyiza kwiyoberanya.
Ikindi,iyo umuntu yiyoberanya abuza uburinzi bw’ingabo zo mw’ijuru kuza kuri we. Kuko Abamarayika bo mw’ijuru babera maso intambuko z’umuntu yagaragaje koko ko atari uw’isi, bakagenda bamukingira kandi bamugwanirira intambara yohura nazo kubwo gukurikira Imana. Nico gituma abantu biyoberanya badashikama muvyizegwa, inyuma y’igihe runaka baca babivamwo.
Abizera twese,dukwiye gushingira intahe abo turi bo, kuko ni kimwe muvyo twashiriweho, kandi
bizotuma no kuri wa musi Yesu atagira isoni zo kutwemangira imbere ya Data.
No mu buzima bga minsi yose umuntu wese akwiriye guhagararira ico ari, ico yemera n’ico akora maze hari impanuro, impinduka cane ubufasha bukenewe akabuhabga. Ba nyamwiyoberanya usanga bagoye kandi bagowe kuko usanga buzuye uburyarya n’ubugunge, usanga ari ba ntahomfatwa kandi ata kintu na kimwe bakora mu kugororoka. Iyo bafise amabanga bata abantu mu kaga kuko iherezo ryabo riba ribi. N’uko mwana w’umuntu, wame uvuga ukuri kandi ugendera mu kuri kuko bizomurikira abandi.