
« Uwo mugore asumira impuzu yiwe, aramubgira, ati Ngo turyamane. Amutana impuzu yiwe, arahunga, arasohoka. Maz’ abonye kw amutanye impuzu yiwe agahunga agasohoka, atabaza abagabo b’abanyarugo, arababarira, at’ Ehe raba yatuzaniye Umuheburayo wo kudukengera! Yaje iyo ndi ngw aryamane nanje, ndaheza ntabaza n’ijwi rirenga: maz’ abonye nshize ijwi hejuru ntabaje, antana impuzu yiwe, arahunga, arasohoka.
Itanguriro 39:12-15″
Iyi ni inkuru ya Yosefu nibaza ko benshi muyizi.Yagurishijwe na bene se, ageze kwa Potifari agira ikiganza ciza, muka potifari yipfuza ko baryamana,Yosefu aranka. Amaze kwanka muka potifari aca ahengera atanumwe ari munzu,aca afata Yosefu ngo baryamane, nawe ariruka amutana impuzu yiwe,arasoka.
Muka Potifari niko kugumya iyo mpuzu ya Yosefu, aca atabaza abo murugo amwagiriza ko ashatse kumufata kunguvu. Abibwira n’umugabo wiwe Potifari ashitse, uburake buraziriringa, aca ata Yosefu mumunyororo.
Aha ntaco Yosefu yari gukora ngo yivugire. Uretse Imana yonyene ntawundi yar’azi ko Yosefu atashatse gukora ivyo yagirijwe, kuko hari n’ikimenyamenya
(impuzu yiwe mumaboko ya muka potifari).
Benedata, hari igihe umuntu ashikamwo ntashobore kwivugira,abantu bakamumenya ukutari ko, akitwa izina ribi kandi muvyukuri atari mubi. Bihora bishika kandi abantu bagacafuza umuntu, kurugero aho n’abavyumva hagera igihe bavyizera ko ari ukuri ijana kw’ijana. Ivyo nivyo Yosefu yariko aracamwo.
Gusa, n’ubwo bigoye kwakira, burya navyo biba biri mumugambi w’Imana. Imana iratangaje, kuko irakoresha na Satani mugushitsa umugambi wayo. Aho niho tugera tukavangigwa,iyo tubonye Satani yitijije abantu, akabakoresha mukwonona ivyacu.
Iyo uri mugihe udashobora kwivugira, ukwiye gusenga Imana ikaguha inkomezi z’umutima, kuko nizo uba ukeneye ako kanya. Izo nkomezi nizo zizotuma ugira inyifato nziza mugihe nkico.
Vyarangiye Imana ivugiye Yosefu, ariko biciye kure. Yosefu aba uw’icubahiro kurusha n’abamutaye mumvuto bamubeshera.
Iyo duciye mugihe nk’ico ca Yosefu co kubesherwa, co kutaronka uwutuvugira
(mubibazo vyacu), rimwe na rimwe biratugora kwiyumvisha ko Imana izotugirira neza mbere kurenza ivyokorwa n’abo nyene banse kutuvugira, ariko ukuri n’uko Imana ibona ibiri imbere iba izi ingene izobikora bikarangira dutabawe.
Mur’ico gihe, dukwiye kubera maso inyifato yacu, kugira ngo ibihe nk’ivyo bigoye ntibidukure mumugambi w’Imana.Kwiherezo,
Imana izotuvugira ikoresheje abo yahisemwo, canke izoca muzindi nzira zayo, itumare umubabaro twatewe n’ivyo bihe.
Iyo Imana igufiseko umugambi, iyo udashobora kwiryamira ica iseruka ikakurwanira kuko iguhozako ijisho mu gihe ugororotse. Yosefu amaze kuronka isezerano mu nzozi maze akazibarira umuryango wiwe, abo bavukana bose baciye bamwanka mbere na nyina na se n’abo barabigaya. Yaciye mu nzira itoroshe benewabo bamuta mu gisumanyenzi, bamukurayo baramugurisha, iyo agurishijwe, umugore aramubeshera atabga mw’ibohero maze Uhoraho Imana ikoresha uburyo butangaje kugira ngo imushitseko ivyo yamusezeraniye.