Abarundi baremeza yuko hari ba Bulamatari bafise imigambi yo gusamaza abenegihugu.

Buramatari wa Ngozi n’uwo mu Kayanza bemeza ko bagiye kugura indege 5

Désiré Minani Buramatari w’intara ya Ngozi ati: « Mu mwaka 2030, intara ya Butanyerera izoba yaguze indege 5 kandi n’umugambi tuzoshikako »

Mu kumufata mu mugongo Rémy Cishayo ayoboye intara ya Kayanza avuga ko uwo mugambi wo kugura indege mu Kayanza bawuhagaritse kugira ngo bifadikanye n’abo mu ntara ya Butanyerera kubandanya umugambi wo guteza imbere iyo ntara nshasha

Aho hari kuri uyu wa 3/2/2024,aho intara ya Ngozi yari iramutse ishikiriza ivyaranguwe mu ntara ya Ngozi mu mwaka w’2023Buramatari w’intara ya Kayanza akaba yashikirije ko ahimiriza abavuka mu ntara arongoye kuja kwubaka amazu akomakomeye kandi agerekeranye nk’igorofa 20, barime imyonga yose, bubake amabarabara meza kandi akomeye eka n’ibindi

Abo bayobozi bavuga ko ata yindi ntara n’imwe muri nshasha buca zijaho izobaca imbere mw’iterambere kuko Kayanza, kubw’ivyo bahamagarira ababa muri izo ntara gufatana mu nda bakorere hamwe

Si ubgambere Abarundi bumva imvugo ya Leta y’Uburundi imeze nk’iyo kubashimanga. Umukuru w’igihugu yavuze yuko Abarundi badashonje kuko batararya ibitaribga, yongeyeko ngo ntashobora kumenya yuko banashonje kuko we n’umuryango wiwe bimbura umurengera n’ibigega bakaba baruhuke. Akaba yirurwa arigisha ivy’imbona kazoza ya 2040 na 2060 mu gihe igihugu kiguma kija mu bukene ntangere. Abo ba bulamatari nabo ngo bagira bagure indege zitanu mu gihe igihugu c’Uburundi ata ndege n’imwe ikora gifise. Ivyo vy’intara z’igihugu zibiri kugura indege zitanu babivuga mu gihe izo ntara arizo zifise abana benshi baheba ishure kubera inzara no mu gihe abayobozi b’amashure bamaze iminsi batabaza yuko abana bari mu kwicwa n’umwanda kubera yuko amashure adafise utuzu twa surwumwe. Duhanura abategetsi b’igihugu kutaborerwa ubutegetsi ngo bakinishe amabanga bahawe mukwama bavuga ivya kazoza gusa mugabo nyabona bakamenya yuko bashiriweko gutorera umuti ingerane z’abenegihugu uyu munsi no kwitaho iterambere ry’uyu munsi.