“Abarundi, Ihanga rihambaye ryatoranijwe n’Imana ikariha amasezerano” Ubuvugishwa bwa 2024.

“Uburundi bufise amasezerano meza cane bwahawe n’Uhoraho Imana kandi bugiye gushika mur’uyu mwaka wa 2024.” Ayo n’amwe mu majambo abahanuzi benshi mpuzamakungu bashikirije kur’uyu mwaka wa 2024. Bati naho Abanyarwanda n’Abanyamulenge bashatse kuyiyitirira no gusaba Uhoraho Imana ngo abe aribo iyaha kuko Abarundi batari bake bayirengagije, Imana yarabaraye yuko bidakunda kuko yihagurukije Ihanga Ryera mu gihugu c’Uburundi igiye gushitsako ayo masezerano.

Umuvugishwa Dr Ian NDLOVU amaze kwerekwa ibintu vyinshi ku Burundi kandi amaze kwishikira mu gihugu c’Uburundi yaraye yemeje yuko ayo masezerano agire ashike kandi yuko hari Ishengero rigira ritware umuvyuro n’ikanguro kw’isi.

Umuvugishwa Emmanuel Mwaka nawe yeretswe ibintu bihambaye bigira bishike ku gihugu c’Uburundi kuko Imana ije gushitsa ivyo yasezeranye. Agira ati ni musengere cane Uburundi kandi musebgere igisagara ca Bujumbura uwu mwaka wa 2024.

Umuvugishwa Mwasha nawe nyene yeretswe ibigiye gushikira igihugu c’Uburundi uko bimeze n’uko bisa ati nasabwe gusenga nsengera igihugu c’Uburundi na cane cane President Ndayishimiye kuko imbere hari ibintu biteye ubgoba.

Umuvugishwa Dr David Owuor ati ivyo mbonye ku gihugu c’Uburundi biteye ubwoba. Umuco w’Imana, umuvyuro n’ikanguro bigiye gushwara igihugu cose biheze bikwire n’isi yose.

Umuvugishwa Philip Banda nawe nyene yarishikiye ngaha mu gihugu cacu kandi ivyo yiboneye mw’isi y’impwemu vyamuteye kuvuga yuko Uburundi ari Ihanga ryatoranijwe n’Imana kandi ivyo yarivuzeko vyose bigiye gushika.

Tudondaguye abavugishwa beretswe ku masezerano y’Uburundi kur’uyu mwaka wa 2024 nti tworonka aho tubakwiza kuko mu gihugu cacu abantu benshi birirwa barerekwa kandi vyose turabizigama. Abanyarwanda nabo ni benshi berekwa ku masezerano y’igihugu c’Uburundi bo bakanabikwiragiza ku mbuga zabo za YouTube na Facebook, wogira ngo bamereye amenyo ku Burundi.

Uwoba yibaza yuko amasezerano ku Burundi ari ubuhumvyi n’ajijuke yihane yezwe kuko bigiye gushika mukanya bidatinze. Dusaba Ihanga ry’Abarundi aho riri hose kwiyeza no kugororoka kugira ngo twitegurire kwakira ivyo twasezeraniwe n’Uhoraho Imana.

https://www.impactforchristsa.com/en/blog/articles/prophetic-declaration-for-burundi-prophet-philip-banda/