Hariho ubusuma, akarenganyo n’agahahazo Abarundi dukwiriye kwivyukiranya.

Abahomvya igihugu ni abafise amabanga ahambaye mu butegetsi. Abahomvya Leta ni cane cane abayirimwo kandi birababaje kubona igihugu cacu ari icanyuma canke bibiri vyanyuma kw’isi ariko nti twinegure ngo twikubite agashi, tukaguma twihumuriza umwe wese akaraba itunga ryiwe gusa ntiyiteho itunga rusangi. Akarorero kamwe mu turorero tubabaje twinshi.

  1. Hari umwenegihugu yagomvye kwidandariza ibiti vyiwe, ariko nkuko amategeko agenga ibiti bitanaga, yabanje gusaba uruhusha umushikiranganji.
  2. Uwo mushikiranganji, amubgirako kugira amwemerere, yokwemerako ariwe azomuzanira umukiriya. Nawe yaremeye,
  3. Amaze kumuzana, uwo nyenibiti, acabona, ko yoba ahomvye ayarenga imiriyoni 10, agereranije nayo abandi bamuha. Wa mwenegihugu, aca aranka, umushikiranganji nawe ati, utayemeye turahigura.
  4. Uwo umushikiranganji, aca ategeka uwujejwe amashamba mu ntara kugira yemezeko, ivyo biti, ari ivya Reta. Uwo nawe aratinya, kuko yarazi neza ko atari ivya Reta, kandi uwo mushikiranganji yari yahaye impapuro uwo mwenegihugu, impapuro zemezako ivyo biti ari rwiwe. Amaze kumwankira, wamushikiranganji, acaramukura ngo ntiyumvira abamukurira.
  5. Uwo mushikiranganji, yaciye ategeka umuyobozi mukuru ajejwe amashamba, kwandika ibirego, ngo yagirize uwo mwenegihugu. Nawe ati aho hantu ntabiti vya Reta, bihari, kandi uwo mwenegihugu, arafise impapuro yahawe n’u mushikiranganji, kwitwarira umuntu afise ivyangombga vyose, nukugomba guhomvya RETA: uwo mushikiranganji, acagenda hahandi muri paroisse, ngo umu DG aramugaya ngo nakugwe.
  6. Uwo mushikiranganji kubera yarafise inguvu zidasanzwe, yaciye ategeka Procureur mu ntara, gufata abo bantu: nyenibiti hamwe nuwujejwe amashamba mu ntara, nawe kubera atinya gukugwa, arakora ayo makosa.
  7. Umuyobozi mukuru ajejwe amashamba, abibonye, yandikira uwo mu Procureur, kugira ntaje mumanza, nzihomvya RETA
  8. Umushikiranganji abonye copie yiryo kete ryandikiwe Procureur, aca yikora kuri assistant wiwe yanonosoye amategeko, baca bandika ikete procureur azagusinya, ngo yishure uwo mu DG
  9. Ikete rimaze kwandika, aho kurirungikira Procureur ngo arisinye, umu planton wo muri cabinet kwa Ministre, acarijana muri secrétariat kwa DG, nabo bariterako cachet ya réception
  10. Abo bantu baraburanye, baratsinda, barahabga indishi y’akababaro.

Uwo mushikiranganji, wewe décret isimbugwa n’iyindi, kandi yarahombeje igihugu, aho ntawovuga amatati yo mu Maramvya n’ahandi. Akarenganyo koboneka mu vyerekeye guca imanza, mu vyerekeye akazi ka leta, mu vyerekeye amatongo nibindi nti gakurwaho n’inzego zitandukanye kuko ubushikiranganji butaba bgafashe ingingo zo kurenganura abantu mu kwirengagiza amatati canke mu kuyagiramwo uruhara.

Iyo igihugu kitubakiye ku mategeko akingira umuntu wese kandi akubahirizwa n’abantu bose kiba kidafise urufatira, kiba nk’inzu yubakiye ku musenyi. Iyo leta ititaho ineza y’abenegihugu, naho yokwifadira ukungana iki igakoresha n’igikenye ntiramba. Duhanura abagize leta co kimwe n’abandi barongozi, umwe wese gukora ico ajejwe mu kuri no mu bugororotsi kugira ngo igihugu gitere imbere.