
Umukuru w’inama nshingamateka Daniel_Gelase_Ndabirabe avuga ko mu Burundi ingeso yo guhemukiranira yabaye ndase aho n’umuntu mwagiye hamwe mugakora umugambi ashobora kuguhemukira canke ukamugurana amafaranga mu nzira nziza haheze akanya gato akakwihakana. Uwo arongoye inama shingamateka akavuga ko iyo ngeso yibonekeza no mubakundana (mu mibano y’abahungu n’abigeme).
Asigura ko ubu n’imanza zijanye n’ivyo guhemukiranira ari nyishi cane mu butungane, agasigura ko iyo ngendo imaze kwinjira mu mico n’imigenzo y’abarundi ari intambamyi ikomeye cane aho ubu abarundi batakicizerana kuko bagumana amadidane ku bantu.
Uwo arongoye inama nshingamateka avuga kandi ko iyo ngeso ijana n’ingeso yo kutemerana aho mu Burundi atawemera ikivuzwe n’umurundi mugenzi we kiretse kivuzwe n’umunyamahanga.
Uguhemuka kwaramyeho kuva kera mugabo ibihemu vyahabga ivomo bigatuma uwariwe wese atinya guhemuka. Ikindi abantu baratinya icaha bigatuma uwuhemutse bamwita Yuda izina ry’igitutsi abantu batinya guhabga. None ubu politike yarinjiye mw’ishengero, imigenzo y’isi niwo usigaye ari umudeli w’abitwa abakozi b’Imana kuko barinjiye mu migambge. Ntakikizira mu gihugu c’Uburundi. Ikindi catumye ubuhemu buba bginshi mu gihugu n’uko abo bitwa abategetsi batakirinswa akazi bakurukije ubuntu n’ubupfasoni bg’abantu, baraba amoko yabo, intara baturukamwo n’imiryango hahaca hajako ibiturire. Ubu uwutazi kubesha no kubeshera abandi ntiyizerwa, uwutazi kwiba ngo ashikane ntashirwa imbere kuko yitwa “igipinga”. Aho niho havuye umuco wo guhemuka wagizwe ubuhizi. Mu Barundi hadahindutse ibintu ngo imico n’imigenzo bigarukurwe, abana b’igihugu bocika nk’inyamaswa. Ubuntu n’ubupfura, ugusonera amategeko kuri bose no kuyubahisha nivyo bishobora kurandura ako kaga kari mu gihugu cacu.