
IVYIZA VYO KUBABARIRA.
“Umunyakigongwe agirira neza umutima wiwe ubgiwe,
Ariko ruburakigongwe agirira nabi umubiri wiwe ubgiwe.”
[Imigani 11:17]
Kenshi usanga umuntu agenda abihiwe mu mutima, kubera ivyo yakorewe, ugasanga ntiyatanze imbabazi (ikigongwe), kandi akumva birumvikana kuko yumva yahemukiwe cane.
Ariko dusomye ngo umunyakigongwe agirira neza umutima wiwe ubwiwe. Kubera iki?
Kubera ko kubabarira birabohora uwakosherejwe, akumva ubuzima bw’umunezero buragarutse,
akidegemvya.
Rero umubabariye ni wewe ubwawe uba wigiriye neza, kuko bituma ubohoka kumubabaro yaguteje.
Ikindi cerekana ko uba wigiriye neza wewe ubwawe, n’ uko Bibiliya ivuga ngo ni mwabarira abandi, na Data wo mw’ ijuru azobababarira namwe. Muyindi mvugo, iyo ubabariye uba wishize mu kibanza aho ubwira Imana integenke zawe, nayo ikakubabarira.
Utababariye naho, ntubabarirwa .
Kubabarira rero ni ku nyungu zawe.
Kandi twasomye ngo « ruburakigongwe agirira nabi umubiri wiwe ubwiwe ».
Umuntu atagira ikigongwe (adatanga imbabazi), bimuvyarira inzika, umubabaro udahera(bishobora gutuma kandi agira ingwara zivuye ku mubabaro),
bikongera bigatuma aguma yiyumvira ku kibi yakorewe aho kwiyumvira ivyomuteza imbere mu Mpwemu no mu mubiri, kandi biba n’ inzitizi mu migenderanire yogirana n’ Imana, ndetse n’abantu. Kutababarira n’ ukwigirira nabi rero.
Kandi ikindi tutokwibagira, Bibiliya ivuga ngo ico umuntu abiba nico azokwimbura.
Niwababarira, Imana izotuma n’ abandi ugirako intege nke bakubabarira vyoroshe kuko uzoba wabivye kugira imbabazi.
N’ubwo woba ubona ivyo wakorewe biremereye utovyishoboza kubabarira, uzosabe Imana igushoboze kubabarira, iyashoboje Yosefu kubabarira bene se bamugurishije, nawe yogushoboza.
Dukwiye kwiga kubabarira, bizotuma tubaho twishimye kandi ninaco Imana idushakako. Umuntu wese ni yitegure kwama agira imbabaze ku neza yiwe.