“Hariho ibintu biboneka neza cane bisayangana mugabo imbere atakirimwo” Ibikorwa vy’abategetsi.

Hariho amashusho y’ibimenyetso yerekanwa ku mbuga ngurukana bumenyi, abasavyi n’abakevyi bakayahagararako kugira ngo bimenyekanishe baciye kur’ayo mashusho y’abategetsi ariko muvyo ukuri n’ivyo bikorwa abo bategetsi bitaba arivyo guteza imbere igihugu bashinzwe mugabo ar’ivyo kwiteza imbere canke kugira muti :”Mwambonye!”

Turakunze kubona amafoto y’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yifotoje afise umuhini w’isuka ngo ariko ararima canke ababara, yikoreye umubindi (bidon) w’urwarwa, yikoreye igiti c’umusaraba n’ibindi. Aha naho kuri aya masanamu, yariko arashira umwavu mu murima wiwe w’umuceri iyindi nayo yariko arakomera amashi abantu bashize amasuka yabo hejuru nk’abariko barayatambisha. Ayo masanamu bayasuka ku mbuga ngurukana majambo bavuga yuko yicisha bugufi, yegereye abarundi, akunda Imana, ari umukozi n’ayandi majambo yo gutera amashurwe umuntu kugira ngo ugire ico umukuyeko naho ivyo aba yakoze bigayitse canke ari ikirori gusa.

Mu bisanzwe umukuru w’igihugu arafiss amabanga ajejwe atarekuriwe gufadikanya n’ayandi. Iyo agomvye kwugurura ibikorwa, araja ku rubuka rw’ibikorwa agatanga isemo imbere y’abantu bose ku gikorwa c’igihugu. Kwofotoza ari mu mirima yiwe agahindukira akavuga yuko atazi yuko ibiciro vy’ivyimburwa vyaduze canke yuko abenegihugu bashonje vyerekana yuko yoba atazi amabanga yiwe canke yuko yirengagiza ivyo ajejwe n’ibigirankana akisuka mu mabanga y’uburimyi atarayiwe.

Kugira ngo igihugu c’Uburundi gitere imbere, urwaruka rurakeneye kwigishwa no guhabga uturorero twiza. Umuhini w’isuka canke kwikorera impange z’urwarwa canke ibiti vy’umusaraba si uturorero twiza tuzokura igihugu mu kaga k’ubukene kirimwo. Ibirori vyo kwerekana umukuru w’igihugu yataye imirimo ya leta yo gutunganya igihugu akigira mu mirima yiwe gutambana n’abakozi biwe canke gushira amase mur’iyo mirima, si akarorero keza ku Barundi. Abarundi bakeneye ubuhinga bugezweko bgo kurima kijambere kugira ngo bgimbure vyinshi vyiza kandi bugwize imbuto zo guterwa n’izo kuzigamwa.

Hamwe wovuga yuko ari wewe uri umukozi maze ugafata imiduga 5 canke icumi yuzuye igitoro n’aba shoferi bayo, ugarirako abasirikare n’abapolisi bagucungera 20 canke 50 maze ukaja mu murima ngo uriko urakora wenyene nkuko biboneka kw’ifoto , uba uriko urasesagura itunga ry’igihugu mu gukora ibirori n’inkinamico. Gukoresha amatungo ya leta mu gukora ivyawe navyo ni akarorero kabi indongozi iba iriko irereka abandi.

Duhanura abategetsi b’igihugu cacu gufata umwanya bagakora indinganizo y’igihugu ishirwa mu ngiro n’ubushikiranganji bgose kugira ngo igihugu kive mw’izinguzingu ry’ubukene, urwanko, ukwikunda no gusahura igihugu. Umuntu wese akwiruye gukora ico ajejwe kandi afitiye ubuhinga. Abantu barakwiriye gutandukanya umwanya wa leta, amatungo ya leta n’ibintu vyabo bgite. Indongozi zirakwiriye dutanduka igihugu n’umuntu bagahanura umuntu wese umukuru n’umuto mu ngeso, mu mvugo no mubikorwa atawe batutse canke ngo bashire isoni.