“Ubuntu bganje buraguhagije” Uhoraho Imana ibarira Paul.

UBUNTU BW’IMANA BURADUHAGIJE.

« Arambarira, at’ Ubuntu bganje buraguhagije; kuk’ ubushobozi bganje buhingurirwa mu ntege nke. Nuko cane-cane nzonezererwa kwirata intege nke zanje, ng’ubushobozi bga Kristo bunzeko.”
[2Ab’i Korinto 12:9]

Aya majambo Imana yayabwiye Pawulo, bitewe n’isengesho yasenze asaba ngo imukure imbere ikibazo yagendana cari kimugeramiye. Nayo imwishura ati ubuntu bwanje buraguhagije.

Ariko uravye, Imana yamurekeranye ico kibazo kugira ngo Pawulo yoye kwishira hejuru, bitewe n’ihishurirwa ridasanzwe yagize.
« 2 kor 12:7. »

Akenshi, hari ibibazo Imana idakura mu buzima bwacu kuko ivyo bibazo bituma tuyegera, tuyirondera.
Yar’izi ko Pawulo,mumashure menshi yize, mubwenge budasanzwe yar’afise, ukongerako ihishurirwa ridasanzwe yagize, n’ukuntu yakoreshwa ibitangaza,…iyo akaca abaho atakindi kibazo na kimwe afise vyari guhava bimutera ubwibone. Imana rero uyo mutwaro wa Pawulo ntiyawubona nk’umutwaro, ahubwo yawubona nk’igikoresho gituma Pawulo agumana umutima uciye bugufi, nayo ikarushiriza kumukoresha.

Benedata, ngiyo imwe mumpamvu ishobora gutuma Imana irekera ikibazo mu buzima bw’umuntu, kandi imukunda. N’ubwo benshi batavyibaza, hariho imigisha umuntu ayigize kurondera Imana vyomugora, iyo ikaba impamvu ituma
ihitamwo kumureka uko.

Nimba abana bawe wumva ifyeri kuba ubafise, nivyiza.
N’Imana birayinezera kuko niyo yabaguhaye. Ariko namba ubona ufise abana beza bigatuma ushima Imana, hari igihe abo bana Imana ibahaye ubwenge bwo kuba abambere aho bagiye hose vyohava bigutera ubwibone, nawe ukibwira ko hari uruhara rudasanzwe wabishizemwo. Rero,
kumbure Imana izobageza kure hashoboka, ariko ibikore kuburyo nawe uba warayipfukamiye uyisaba kuroranirwa kwabo, kuko uba warabonye intege nke zabo kuburyo Imana itahabaye atacovamwo.

Hari n’igihe umuntu aba afise ingabire, mugace abamwo bakaba bamuzi bamwemera, ariko Imana yaraba umutima wiwe igasanga uyo muntu kumenyekana kurwego rw’igihugu vyomutera ubwibone, bigatuma yo nyene yugara imiryango imwe n’imwe.

Niyo uravye ingene abantu bakoresha téléphone, uhita ubona ingene hari abayifata nk’ikigirwamana.
Umuntu ntaronka akanya ko gusoma bibiliya,ariko ako guha téléphone mubintu akenshi ataco bimwungura arakaronka. None Imana ishaka ko yunguruza mu buryo bw’impwemu,
yobigenza gute ngo aronke akanya ko gusoma bibiliya no gusenga atari ukumupapura ico kigirwamana c’itelefone?
Gusa ntibisigura ko abantu bose badafise téléphone canke abafise izagize ikibazo ari uko bazikoresha nabi.Ariko iyo Imana igukeneye, irakuraho ivyo vyose ibona vyoyigukurako, n’ubwo vyoba ivyo wewe wita vyiza.

Uyu mutego salomo yarawuguyemwo.
Kubw’itunga n’ubwenge budasanzwe yagize, yarongoye abanyamahanga birangira bakuye umutima wiwe k’Uhoraho. Inyuma y’aho ntaciza nakimwe casubiye kuvurwa mubuzima bwa Salomo. Vyamumariye iki? Iri ni isomo dukwiye kuhakura.

Mukundwa, ntakintu nakimwe Imana izoguha ibona ko cohava kiyigukurako, kuko n’ubwo woba ubona ari ciza ntaco cokumarira, kuko burya ntakiruta Imana mu buzima bwawe. »Ubuntu bwayo buraguhagije rero ».

Gusa,ukwiye kwizera ko ivyo wasengeye bihwanye n’ivyo ishaka izobikora, ariko “Ubuntu bwayo buraguhagije ». Umwami Yesu yamamare!