Eliya na Elisha barerekanye yuko ivyo Imana vyose biba ku rutonde

ELIYA NA ELISA.

« Bamaze kujabuka, Eliya abarira Elisa, ati Nsaba ico ugomba ko ndagukorera, ntaratandukanywa nawe. Elisa aramwishura, ati Ntabara umpe imigabane ibiri y’impwemu yawe, ngw imbeko. Aramwishura, at’ Unsavye ikigoye; mugabo ni wambona ngitandukanywa nawe, biza kukubera birtyo; na ho n’utambona, ntibiza kuba birtyo.”
[2 Abami 2:9-10]

Eliya ni umwe muri bake baduganywe mw’ijuru badaciye murupfu. Umusi yagira aduganwe, Elisa
(umwana wiwe mugakiza) yarabimenye,
ahitamwo kutamuva iruhande. Eliya aca amubwira ngo amusabe ico agomba, nawe ati umpe imigabane ibiri y’impwemu yawe, ngw’imbeko.

Benshi iyo babonye umukozi w’Imana bakamukunda kubw’amavuta Imana yamuhaye, hari igihe bipfuza ko bozomera nkawe bagakora nk’ivyo yakoze. Elisa we, ntiyipfuje gukora gusa nk’ivyo Eliya yakoze. Ahubgo yavyipfuje kubikora vyikuvye incuro zibiri. Nico catumye amusaba imigabane ibiri y’impwemu imurimwo.

Ngireko mvuga ko atari vyiza kwigana uyu canke uriya, kuko nimba impwemu imurimwo itakurimwo wewe ivyo akora ntavyo uzoshobora. Nimba vy’ukuri akoreshwa n’Imana, ukwiye gusengera impwemu imurimwo ikakubamwo nawe.

Benshi barigana abandi mumvugo, munyifato,..kandi ntakibi kirimwo. Ariko hari aho utogera kiretse uronse impwemu((Yera) nk’iyuwo wahisemwo kwigana. Umuntu akunda gusenga Mpwemu yera akamugenderera Imana ikamuhindura igikoresho,
ntivyokunda ko ukoreshwa nk’uko akoreshwa ngo n’uko wiganye imvugo yiwe, ijwi ryiwe,…

Ikindi twokwigira kuri Elisa, n’uko yamusavye imigabane ibiri y’impwemu imurimwo. Muyindi mvugo, Elisa yipfuje gukora vyinshi kuvyo Eliya yakoze kuko ivyo Eliya yakoreshejwe afise impwemu imwe, Elisa we yategezwa kuzobigwiza incuro zibiri.

Iki nico ciza co kugira umuvyeyi wo mu Mpwemu wigirako. Iyo udasamaye,
umwigirako ivyo yakoze neza, ukigira no kumakosa yakoze(kuko ntaba yarabuze aho vyagiye biramugora), wewe ugakora neza kumurusha, kuko bituma amakosa yakoze wewe uyasimbuka kuko uba wayamenye kare.

Nk’akarorero, ashobora kuba yarasenga cane, akisonzesha,
ariko akisanga ntamwanya yaronka wo kuganiriza umuryango, kubw’abana n’umufasha wiwe batamubona ngo anabaganirize.
Umwumvise avuga uzokwumva ko ari vyiza gukorera Imana, ariko atari vyiza kuca uburira umwanya umuryango wawe, nabo ukwiye kubaronderera akanya. Bizotuma uwo mutego utawurwamwo.

Umuvyeyi wo mumpwemu hari aho uzomwumva avuga ko Imana yamusimbishije imanga nyinshi. Wewe bikurememwo kwizera, mugihe we nubwo yasimvye imanga nyishi yazisimvye yari yihebuye.

Uzomwumva kandi umuvyeyi wo mumpwemu akubwira zimwe muntambara yarwanye uko bitari bikwiye, wewe bikurinde kuzirwana nabi kuko wigiye kucirwa yahakuye. Uzokwigira no kuvyo yakoze neza, nawe ubikore neza kurusha.

Elisa yaranse gutandukana na Eliya, ataco amusigaranye. Niko dukwiye kumera.
Niwabona umukozi w’Imana Imana imukwemeje,
uzomwumvirize kenshi gashoboka kugira ngo agire ico agusigaranye mu Mpwemu yawe kuko impwemu y’umuntu burya irandukira.