
Ingene amashure akwiriye gutunganywa kuvyerekeye ingwara zifata abana bishure bikwiriye gusubirwamwo bakoranye n’ubushikiranganji bg’amagara y’abantu.
Hariho imigirwa yerekana ko ubushikiranganji bg’indero budatunganijwe neza nkuko n’ubundi bushikiranganji budatunganijwe neza nabgo nyene.
Hariho ibindi bintu vyerekana yukomu gihugu cacu, umushikiranganji akorera mungata uwundi bikabandanya uko n’ibindi vyahora kuko atambono yoguhindura ibintu yashizweho na leta mu migambi yo kwitaho ineza y’urwaruka.
Aho uko indero y’urwaruka rwacu itera ija imbere, ibintu bitera vyononekara.
Dufatiye kukarorero gasanzwe, biraboneka ko atamategeko atomoye akingira ishure n’abanyeshure nko mugihe hateye ikiza.
Twarabonye ko mu gice ca heze c’ishure hahevye abana ibihumbi ijana na mirongo atatu na batanu mu gice kimwe gusa c’umwaka w’ishure. Leta ntiyigeze yerekana ko itewe amakenga n’ivyo bitigiri vy’abana bomoka bagata ishuri kubera inzara iri mu gihugu. Ubu naho harateye ikiza c’amaso yandukira cane mu bana b’ishuri ariko leta ikaba itafashe ingingo zo gukingira urwaruka ruri mu mashuri. Abana bararwara bakaguma baja ku mashuri bandukizanya, ico kiza kigaca kirandagata mu imiryango myinshi.
Uyu munsi hariho abana benshi bariko baraheba ishuri kubera ico kiza c’amaso.
L’état Uburundi yarikwiriye kuba yarafashe ingingo ku vyerekeye ico kiza, igategekanya imiti yo kuvura abana bafashwe niyo ngwara yo kubavurira ku mashuri canke muhira iwabo; nta mwana yerekana ibimenyetso vy’iyo ngwara yosubira kw’ishuri mu ntumbero yo gukingira abanyeshuri n’abarezi.
Ubu haragwiriye abantu benshi bariko barononekara amaso kubera ata miti ihari ubushikiranganji bg’amagara y’abantu butegekaniriza abantu kubera ico kiza. Bamwe bariko barakanyira mu maso ivyatsi bibaba nk’umubirizi, ibicuncu, icanda n’ibindi vyakatsi. Irya miti bakora y’amaso ukorwa hakurikije PH ya 7 ivyo biti rero bidapimye bironona amaso mbere n’ubgonko bg’umuntu.
Dusaba umuntu wese kudakoresha imiti y’imivugutano mu maso y’abana mbere n’ayo umuntu akuze. Abavyeyi bagerageze baje mu madandarizo y’imiti babaze agati kovura iyo ngwara y’amaso kandi bibaye ngobga ni bagerageze barabe abaganga.
Dusaba leta y’Uburundi nk’umuvyeyi wa bose, gufata ingingo zibereye zokurikizwa mu mashure no mu ngo; ikanategekanya imiti yokoreshwa n’abamaze gufatwa n’iyo ngwara. Amagara y’abenegihugu niyo mushinge w’iterambere ry’igihugu.