
» Nuko mwihane, muhindukire, ivyaha vyanyu bihanagurwe, ibihe vyo guhembuka bibone ingene biza, bivuye mu nyonga z’Umwami Imana.”
[Ivyakozwe n’intumwa 3:19]
Akenshi turasenga twifuza kugira ibihe vyiza. Kandi koko uravye ugusenga nirwo rupfunguruzo rwa vyose. Ariko none ibihe vyiza biza ryari?
Twasomye ngo
« nimwihane,
muhindukire, ivyaha vyanyu bihanagurwe, ibihe vyo guhembuka bibone ingene biza, bivuye munyongo z’Umwami Imana ».
Urupfunguruzo rubanziriza vyose rero n’ukwihana. Umuntu ashaka ibihe vyiza, habanza ukwihana. Ica kabiri hagakurikira « guhindukira ». Aha niho n’abandi bakuraba,
bakagushingira intahe, ati koko warahindutse.
Iyo wihanye gusa, hari igihe n’abantu batabimenya, kuko har’igihe bibera hagati yawe n’Imana. Ariko iyo uhindukiye, uhinduka icete gisomeka, n’abantu bakabibona.
Mubuzima bwa ben’uyo muntu, ibihe vyiza(vyo guhembuka) biba bitanguye. Agira umunezero atazi impamvu yawo, kuko uva mw’ijuru.Araririmba akumva Mpwemu yera arururutse,arasenga akumva mumutima ko ijuru rimwumva. Ben’uyo muntu ntaba akiri mubantu bohendwa ngw’Imana ntibaho, kuko mumutima wiwe afise ibihamya.
Umuntu yihanye, agahindukira,
Imana iramuganiriza akavyumva. Yesu niwe yavuze ngo (uwunkunda akitondera amajambo yanje,
nzomwihishurira).
Ben’uyo agera kurugero asobanukirwa ijwi ry’umwungere(rya Yesu), kuko ngo « intama zanje zumva ijwi ryanje » niko yavuze Yesu.
Kuko mu buzima duhura n’ibidukomeretsa umutima, kubw’ivyo bihe vyo guhembuka Imana igenda igukiza ibikomere, ivyo wagiriye mu muhamagaro canke mubuzima busanzwe. Ntaho uba uhuriye rero n’abantu batemereye Mpwemu yera, ngo bihane bahindukire.
Ico noherezako, Imana ikwitaho nk’umwana wayo.Intambara zawe zihinduka intambara zayo. Abansi bawe bagahinduka abansi bayo. Uzoza ubona ko hariho ukuboko kutagaragara kw’Imana kuguserukako iyo uri mubibazo. Uzobona kandi ko itama ireka ngo abakwanka bakwitambe kumuvyimba, ahubwo n’imbere yabo naho ihora iguha intsinzi.
« Ibihe vyo guhembuka » bibanzirizwa n’ukwihana,
ugahindukira », bigaha akaryo Imana ko kwinjira mumice yose igize ubuzima bwawe, nayo ikagenda ikubera inyishu mubuzima bwawe.