
DUKUNDE ABANSI BACU.
« Mwarumvise ko vyavuzwe, ngo Mukunde bagenzi banyu, mwanke abansi banyu. Ariko jeho ndababgire: Mukunde abansi banyu, musabire ababahama”
[Matayo 5:43-44]
Abizera twese dusangiye umwansi ariwe satani. Akora ibishoboka vyose ngo ntituzorarwe ubugingo.
Uyo satani rero hari abo ashobora gufata mpiri, akababibamwo urwanko, nabo nyene bakaduhindukira abansi. Nibo rero Yesu yariko adusaba kubakunda.
Akenshi usanga ari abantu ba hafi yacu, ababanyi,uwo mukorana, musengana,waraba ukabona arakwanka,
ntanezerwa n’uko ivyawe bija imbere.
Ahandi bibiliya niho ivuga ngo umwansi wawe ni yasonza umuhe ico anywa, niya nyoterwa umuhe ic’ arya, kuko ni wagira utwo uzoba umurunzeko amakara yaka kumutwe.
Impamvu dukwiye gukunda abansi bacu:
1)Ni kubera ko turi aba Data wo mw’ ijuru “Matayo 5:45″
Urwanko ntiruva ku Mana. N’urwo twokwanka abatwanka narwo nyene ntiruva kuri yo. Dukwiye kwirinda ntiturwe mu mutego wo kwanka abatugirira nabi, abatwanka, kuko twebwe turi aba Data wo mw’ijuru.
2)Kugira ngo Imana yigaragaze.
Iyo uwukwanka utamusubirije mu koko mukumwanka nawe , biha akaryo Imana ko kwigaragaza. Ishobora kumukora ku mutima mu kumwereka ko ariwe mubi, gutyo ikagenda imuhindura buhoro buhoro.
Canke iyo ari Umwansi (abansi) yaguhagurukiye, biha akaryo Imana ko kwinjira mu ntambara,
ikakurwanira. Ariko ivyo ibikora iyo warinze umutima wawe, ntuce ubanka canke ngo urwane intambara za kameremere.
3)Biturinda kubika inzika.
Birabohora iyo ugaragarije urukundo uwutagukunda, kuko bikurinda kubika inzika. Uzoza ubona ko n’inyiyumvo itari nziza wagira igenda igabanuka kandi ivyo biva ku Mana kuk’iba ibona icemezo ciza wafashe co kuyigana kuko iha umuco abeza n’ababi.
Dukwiye gukunda abansi bacu. Umwe Martin Luther King niwe yavuze ati umwijima ntiwokwirukana umwijima ariko umuco wobikora. Niko n’urwanko rutokwirukana urwanko ariko urukundo rwo rwobikora. Nitwakunda abatwanka, Imana izotuma ibakora kumutima, umuco wacu ubakire,mbere n’ababona ingene tugira inyifato nziza imbere y’abatadukunda bazohakura icirwa, kandi iyo nyifato nziza izobabera ikimenyetso ko twamurikiwe n’umuco wa Data wo mw’ujuru.
Burya mu gihugu cacu c’Uburundi hari inzika n’inzankano nyinshi mu miryango hagati y’abavyeri, hagati y’abana n’abavyeyi, hagati y’abafise ico bapfana, hagati y’ababana, hagati y’amoko, imigambge n’amadini. Benshi barabinyegeza, bakabipfukapfukisha uburyarya n’amayeri ariko n’imbuto mbi satani yabivye mu Barundi. Ariko duhamagarira aba-Kristo kurengera iyo mbuto y’akabi satani yabivye mu gihugu cacu kuyirandura mu mitima yacu no kubiba urukundo no kubabariranira mubagiraniye nabi gushika aho abantu bakunda abansi babo, Amen!