Ivyamwa bisa n’igiti catewe nti vyigera bisa ukundi.

IVYAMWA TWAMA BITERWA N’UBWOKO BW’IGITI.

« Igiti ciza ntigishobora kwama ibibi, kand’ igiti kibi ntigishobora kwama ivyiza.”
[Matayo 7:18]

Yesu mukwigisha yakoresha rimwe na rimwe imvugo yoroshe n’umwana ashobora gutahura. Aha yariko aravuga inkomoko y’ivyamwa twama mu buzima bwacu.

Uzokwumva umuntu avuga ngo jewe niko meze, n’abantu barabizi. Jewe ibi sindavyihanganira,…
gusa, akenshi ben’uyo muntu aba yibaza ko ivyo bintu yivugako ari we abikora, canke ari we ameze uko ariko aravuga. Ariko muvy’ukuri ntaba ari we, iyo nyifato agira iterwa n’ubwoko bw’igiti kimutera kwama ivyamwa runaka.

Satani n’umunyamayeri menshi kuburyo n’ivyo ashobora gukora aciye mubantu, abasunikira kuvyiyitirira,ukumva umuntu ntasiba kuvuga ngo jewe niko meze, iyo nshavuye n’uku nyene,…

Benedata, igiti ciza ntigishobora kwama ibibi, n’igiti kibi ntigishobora kwama ivyiza. Biterwa n’igiti rero, s’ikibazo c’ivyamwa.

Petero yari umuntu mu mutima yirata inkomezi, kuburyo baje gufata Yesu we yagomvye ko baja mu migere nayo. Nico catumye aca afata intambi yar’afise, aca ugutwi kw’umwe mu basuku b’umuherezi mubari baje gufata Yesu. Ariko uyo Petero nyene, amaze kwuzuzwa Mpwemu yera, ntiyabaye akicirata amaboko, ahubwo baragenda mw’ivugabutumwa bagakubitirwayo,
mbere yapfuye abambwe acuritse kubwa Yesu. Yari yarahindutse kurugero rugaragarira bose.

Na Sawuli yahiga ubwoko bw’Imana. Amaze guhura na Yesu yahinduriwe izina yitwa Pawulo. Nawe nyene yakorey’Imana yari yarahindutse kurugero rugaragarira bose. “Igiti ciza » rero ntigishobora kwama ibibi.

Uburyo tuvuga buterwa n’ubwoko bw’igiti. Uko dufata abandi biterwa nubwoko bw’igiti. S’ikibazo c’ivyamamwa rero, kuko « igiti ciza cama ivyiza,n’igiti kibi n’uko, cama ibibi ». Ikibanza gikwiriye rero twoha Yesu mu buzima bwacu nico kizotuma twama ivyamwa vyiza. Amen!