

Abantu benshi batandukanye ari abatavuga rumwe na leta n’abari muri leta no mu mugambge uri ku butegetsi bagize ico bavuze kw’urwo rwandiko rw’Umukuru w’Inama Nshingamateka mu gihugu c’Uburundi. Tubashikiriza ivyo abashigikiye leta bari ni mu nzego z’igihugu biyumvira.
Uwambere yagize ati: “
Naho ibintu nk’ibi tubiraba tukabiterako inkuru, ni kimwe muri vyinshi vyerekana yuko ubuntu bg’Abarundi bgatakaye. Ni ikimenyetso ntarengwa yuko abari ku butegetsi duhahije ibintu vyinshi vy’ingenzi. Ni ikimenyetse cerekana yuko indongozi zacu…ndabuze ijambo nokoresha mu Kirundi kuko nosanga natukanye. Burya ntaco twubakiyeko kubona umukuru w’inama nshingwamateka yandikira uwo yasubiriye ikete nk’iri uwo yasubiriye basangiye umugambge wacu dukunda kandi twemeye gusesera amaraso yacu ni ibiterasoni.
Iri kete hamwe ryoba ari i ry’ukuri Umushingamateka Gelase Ndabirabe akwiriye guhabga we nyene igihano co kwirukanwa mu Nama nshingamateka kuko:
- Haraheze imyaka ine habaye gusubizanya mu kubisikanya kandi bose barasinye kubisubizwa nkuko vyamye bikorwa na mbere hose.
- Icete nk’ico gisuzuguza igihugu c’Uburundi n’abakibamwo bose uravye n’ikiguzi c’ako kantu. Erega iteka n’ubugabo birihabga.
- Ico gikoresho tablet ariko arasaba umushingamateka yasubiriye inyuma y’imyaka ine kiba carapfuye. Noneho si ine gusa shirako n’iyindi bari bayimaranye. None n’ugukena, n’akaroge, n’ukumwigenzako ngo baronke aho bamujura n’akaborerwe k’ubutegetsi kavanze n’agatima ko gusambura abagumyabanga !
- Ntawuvuga yuko ari ugukingira itunga rya leta kuko i Dubai hagurishwa inzahabu kumwaka za $ 160 miliyoni mugabo mu bubiko bga BRB bakazana $ 13 miliyoni. Aho kugaruza $147 miliyoni agaruza itelefone yaheze. Ukwo ni ukwisiga urubga, kurusiga urwego aserukira no kuruteza Abarundi bose.
Abantu nk’aba ntibakwiriye kuba indongozi mu Barundi kuko bafise impwemu y’ubujora inyoshe Igihugu c’Uburundi.”
Uwundi yavyihweje aca aramwunganira ati: “Ingorane z’abantu usanga bama bagomba kwubakira ku muyaga, ku musenyi mu gusambura no guhanagura kahise kubera inzigo, ishari, n’agatimakoko. Singomba kubabaza umuntu n’umwe mugabo mwibuke abategetsi bacu bama bavuga ngo CNDD FDD ntigira abayitanguye. Irya mvugo ni icaha gikomeye kandi ni ugusambura umugambwe ku buryo bunyegeje mu kurondera kwishira hejuru.
Uti gute? Ntushobora kubona ngo n’uko ufise ijambo kandi Abarundi twemera ivyo indongozi zivuze ugaca ugerageza kunyegeza ukuri.
- Ntiwovuga umugambwe CNDD FDD utavuze kandi ngo uhe iteka abantu bacu barenga 36.000 baguye ku rugamba. Amazina yabo arazwi, aho baturuka harazwi n’aho baguye harazwi n’amatariki. Abo bakwiriye kuja mu bitabo, kwubakirwa icibuco no kuja mu mateka y’igihugu. None abobikoze babona yuko atacabaye aho bashikiye mu butegetsi. Ico ni kimwe mu mateka y’igihugu n’umugambwe co gushira imbere. Ukwo kwitanga kw’abo niyo nkingi yo gukunda no kwitangira igihugu ku nzuganywe z’Abarundi zizokurikira none abatware baguma bagerageza gusambura n’ivyubatse mu mitima y’abantu.
- Uvyanke ubikunde ntushobora kuvuga umugambwe CNDD FDD ngo ureke guha iteka n’icubahiro abantu nka ba Nyangoma Leonard, Hussein Rajabu, Jean Bosco Ndayikengurukiye, Nzobonimpa Manassé, Anathole Manirakiza, Jean Pierre Hangayika, ba naka na ba naka… amazina ariho menshi y’intwari zimwe zifise ivyabagoye n’abandi bagumye kuri ka karangamutima. Abantu nkabo bakiriho bakwiriye gusonerwa bagahabga icicaro c’iteka mu gihugu kuko “peu importe” ivyo ubagiriza, amateka bandikiye igihugu c’Uburundi azogumaho. Mbega ko hariho umuntu akiriho kandi ari ngaha yamanutse avuye mu misozi agasanga muri ambassade y’abafaransa ba Leonard Nyangoma, Kaduga Stany, Ciza Bernard,.. akabamenyesha yuko yatanguye kwigisha abantu bose ukwirwanira, ari nawe yari mu nama ya mbere muri Club des vacances ahashingiwe umuhari Force Defense du Peuple wavyaye CNDD FDD, uwo mugabo akaba ariwe yazungurutse Uburundi bgose mu 1993 agenda aratanga inkoho yigisha abantu, ari nawe nkingi yatanguje urugamba ko mutamuvuga! Uwabaroze ntiyakaravye.
Kutagira abakurambere, n’ivyitegererezo bingana no kwiroha mw’ibenga kandi utazi kwoka.
Ivyo vyose vyabo bishuza telefone imaze imyaka irenga 9 umwubahawa, n’ingaruka z’abo baguma bagerageza guhanagura no gucafuza ivyitegererezo vyiza vy’abitangiye igihugu cacu.”
Igihugu kugira ngo kive mu kaga k’ubukene no gukumirana kirimwo uyu munsi gikeneye indongozi zifise urukundo zikunda Igihugu n’Abarundi bose. Gikeneye indongozi zifise imbono yo guteza imbere igihugu n’abakibamwo atari mu myaka izoza mugabo uyu munsi. Abarundi batisubiyeko ngo bahindure ingendo igihugu Uhoraho Imana yabahaye kirabasambukana babona.