Urukundo ni ingabire iruta izindi zose.

URUKUNDO.

« Naho novuga indimi z’abantu n’iz’ abamarayika, ariko ntagira urukundo, noba ncitse umuringa uvuga, cank’ icuma kivuzwa kigasama. Kandi naho nogira ingabire yo kuvugishwa n’Imana, nkamenya amabanga yose, n’ubgenge bgose, kandi naho nogira ukwizera kwose, ngashobora gukurah’ imisozi, ariko ntagira urukundo, noba nd’ ubusa.” [Ab’i Korinto 13:1-2]

Urukundo ni imwe mungabire idahara mubuzima bw’umukristo.Gusa,
abenshi ntibaha urukundo ikibanza kinini mumitima yabo kugira babone urugezo rwabo rwo gukura mugakiza.Ariko burya urukundo niwo munzane utabesha,werekana urugezo umuntu akuze mugakiza.

Twasomye ngo « naho nogira ingabire yo kuvugishwa n’Imana,nkamenya amabanga yose,n’ubwenge bwose,…ariko ntagira urukundo,noba nd’ubusa ».Ibi biratangaje kuko akenshi munsengero abanyengabire runaka hari igihe biyumva muri bo ko baruta abandi,nubwo batabivuga.

Gusa,
ingabire yose idakoreye mu rukundo ntiyubaka, ahubwo irasambura.
Nink’umuntu ahishurirwa ubuzima bw’ivyaha bw’uwundi mugenziwe,akaca agenda kubibwira abantu bose.Mur’ico gihe ntaba amwubatse,ahubwo aba amusambuye,kandi n’abandi ntaco aba abafashije.

« Urukundo »,niyo ngabire iruta izindi. N’ubwo woba utavugashwa,
udahishurirwa,utari umuvugabutumwa,…
ufise urukundo, ufise ingabire ikomeye iruta izo zindi abandi batamarira.

Ntakintu kiryoshe nko kuba murusengero rurimwo urukundo, nko kuba mumuryango bafise urukundo, nko kugira abagenzi mukundana vy’ukuri, atari urukundo rufatiye kubintu. Iyo urukundo ruhari,n’amahoro yo mumutima ntibisigana,
n’umunezero uraza,no kwihanganiranira,no
gusangira duke mufise,…

Dukwiye kwitondera iki kintu: Gukorera muzindi ngabire zose hatarimwo urukundo, bijana mubuyobe. Kuko iyo umuntu akuyemwo urukundo muvyo akora aba akuyemw’ Imana, kuk’Imana ni rukundo. Nawe uca wumva inzira umuntu yoba yafashe Imana itarimwo.

Urukundo rero
niyo ngabire iruta izindi, kandi ntayindi ihari izoza iruruta. Imana udufashe, tugendere murukundo muri vyose.

Urukundo niyo ngabire uruta izindi kuko rutuma ibitariho bigira ubuzima rukaba rwatumye isi n’ijuru n’ibirimwo vyose bibaho. Ahatagira urukundo abantu barahona, ingo n’imiryango bigasambuka, ibihugu bigasambuka ivyari bizima bigapfa kuko urukundo ni ubuzima c’ikintu cose ikiriho n’ikizoza.