Imvura, Umuyaga n’Inkuba nivyo vyakoreshejwe mu kwica abantu mu ntara za Cibitoke, Ngozi na Rutana bariko barasenga.

Mu ntara ya Cibitoke, Ishengero ryo mu Kasega, zone Ndava, commune Buganda, province Cibitoke rirasenyutse rigwa ku bantu bari mu rusengero.

Mu ntara ya Ngozi naho nyene vyagenze uko nyene, abantu 2 nibo bamenyekanye yuko bamaze gucikana abandi nabo 18 bahakomerekeye baguweko n’urusengero bariko barasengeramwo, ku mutaga wo kuri uyu w’Imana, ku mutumba Kinyana muri komine Ngozi. Mu giporisi bavuga ko vyoba vyavuye ku mvura irimwo umuyaga mwinshi yariko iragwa.

Amakuru ava i Ngozi amenyesha ko igiporisi, abajejwe intwaro, abanyagihugu hamwe n’umuryango utabara imbabare Croix-Rouge banyarutse gutabara. Abakomeretse baciye babanyarukana ku bitaro bikuru vya Ngozi. N’abapfuye bajanywe mu buruhukiro bw’ivyo bitaro.

Urwo rusengero rwa pentekoti, ruri hafi y’itongo ry’abapfuye ry’i Buhiga, rwasenyutse rwose rurashika hasi.

Abubaka insengero barakwiriye kuzikomeza mu kugerageza gukingira abaza kuzisengeramwo hakaba n’urwego rwa leta rukurikirana yuko izo nyubako zikomeye kandi zikingiye kubera umutekano w’abenegihugu. Hari uwibajije ati: “Woba ari wa mukubuzo wururutse canke ni impanuka zama zabaye! Ibiriko biraba si ibisanzwe kandi uwakurikiranye imburi n.ubuhanuzi niwe aca abitahura”