
KWIZERA HAMWE NO NO GUKORA NIVYO BIZANA INTSINZI.
« Maze Dawidi atuma ukuboko mw isaho yiwe, akuray’ ibuye, ariteresha wa mugozi, arinega uwo Mufilisitiya mu ruhanga, rimwiteramwo, aca yikubita hasi yubamye.”
[1Samweli 17:49]
Iyi ni intambara yabaye hagati ya Dawidi na Goliyati. Goliyati yari yateye ubwoba bose, nta n’umwe mu bisirayeli yumva yomwihanga kuko cari ikigatanya. Dawidi kubwo kwizera Imana yumva yohangana nawe ariko nti vyagarukiye ku kwizera, yaragiye ku rubuga, arahangana kandi ararwana intambara.
Hari abantu bavuga ko bizera, biteze Imana, basenze ariko bakibagira uruhara rwabo kugira iyo ntambara bikunde bayineshe. Goliyati kugira aneshwe ntivyasavye ukwizera Imana gusa kwa Dawidi kuko iyo atemera kuja guhangana nawe, Goliyati yari kubandanya abatera ubwoba gushitsa igihe habonetse umuntu yizera Imana akemera no kuja guhangana nawe.
Imana akenshi uko ikora, irareka uruhara rwawe rukagaragara ariko ikabikora ku buryo wewe ubona ko utanesheje kubw’inkomezi zawe.
Esiteri yari umwana w’impfuvyi ariko yar’afise akaranga. Ariko ako karanga ntaco kari kumumarira iyo atemera kuja muri benshi kugirango umwami ahitemwo uwo ashaka.Yari kuguma mu bibazo vy’ubupfuvyi nyene nk’uko yabikuriyemwo.
Imana yabwiye abisirayeli kuzunguruka Yeriko incuro ndwi kugira ibahe intsinzi. Iyo bakaca abiyicarira ngo Imana yaravuze ko izotuneshereza, ngo ntakibuza umugambi wayo gushika, bari kurindira ko yeriko isenyuka bakabura kuko hirya y’ukwizera ko Imana izobaneshereza,
vyasaba ko bongerako igikorwa co kuhazunguruka.
Yesu we yavuze ngo iyaba mufise ukwizera kungana n’akabuto ka sinapi, mwobwira uyu musozi ati shinguka kandi wobumvira. Aha Yesu ntiyavuze ko dufise ukwizera kungana n’akabuto ka sinapi, umusozi woca ushinguka, ahubwo yavuze ko twowubwira ugashinguka kandi wobikora. Muyindi mvugo, kwizera coba ari kimwe, ariko vyosaba ko twongerako igikorwa co kubwira uwo musozi(ivyo bigeragezo), ukabona gushinguka.
Kwizera kwonyene ntiguhagije. Dukwiye gutera untambwe ya kabiri yo gukora ico twategerezwa gukora, n’ubwo coba ari gito, Imana nayo izodukorera ivyo tutoshobora.
Nimba goliyati wawe ari integenke mugakiza, wizere Imana ko ishobora kuzigukuramwo, ariko utangure gushiraho gahunda y’uburyo usenga, wirinda, uburyo usoma ijambo ry’Imana, uzotangazwa n’ukungene uzokwisanga wabaye umunyenkomezi.
Goliyati wawe ari ubukene, wizere Imana, ariko uje kukivi urondere,Imana izokoresha izindi nzira utaziga.
Nimba Goliyati wawe ari akadenderezo, ariko wongereko igikorwa co kubandanya uyubaha, ukore ivyo wategerezwa, Imana izomugukura imbere. Nibindi bibazo vyose n’uko.
Kwizera no gukora ivyo wewe ushoboye biri mu bugororotsi niho hahishemwo intsinzi. Imana nayo izokora ivyo udashoboye.