
IMWE MU MPAMVU ITUMA DUCA MUBIGERAGEZO.
» Imana y’Umwami wacu Yesu Kristo, ari yo Se, iragahezagirwa, Data wa twese w’imbabazi, kand’ Imana yirura imibabaro yose, itwirura mu marushwa yacu yose, kugira ngo natwe tubone uko twirura imibabaro abari mu marushwa yose, tuyibiruza uko natwe twiruwe n’Imana. »
[2Ab’i Korinto 1:3-4]
Iy’umuntu ari mukigeragezo akenshi yiyumvira impamvu Imana itakimukura imbere, ahubwo yo ikabandanya ikimurekeramwo kandi asenga. Gusa,
imibabaro imwe n’imwe Imana irashaka ko tuyicamwo. Uti gute?
Twasomye ko Imana itwirura mumibabaro yacu ngo natwe tuze tubone ingene twirura abandi, tubirura uko natwe twiruwe n’Imana. Muyindi mvugo, hari ivyo Imana itwigisha mukigeragezo kubw’inyungu y’abandi.
Imana irabona abazoza inyuma yawe ibibazo bazocamwo,
igahitamwo wewe kugucisha mubibazo bisa neza neza n’ivyo abo bazogukurikira bazocamwo. Wewe Imana ikabana nawe,ego ukababara, ariko ikaguhumuriza biciye mutuyira dutandukanye twayo. Igihe rero kiba kizogera Imana ikakigukura imbere ico kigeragezo. Ariko umubabaro wagize niwo Imana izokoresha mukuguhindura igikoresho co kwirura abazoca muvyo waciyemwo, kuko uzi neza ingene bamerewe, kuko warabiciyemwo.
Imana ntaco vyoyimarira kukubona ubabaye, ariko kuko ibona ingene uzobera umugisha abandi, irahitamwo kugucisha aho udashaka ariko ibona ko hakenewe.
Nabonye ko Imana iyo iretse ukaba impfuvyi hari igihe iba igomba kukuremamwo umutima w’ubuvyeyi.Ishobora no kukureka ukarwara igihe kirekire kugira ize ikurememwo umutima wo kwitaho abazohura n’ibibibazo ben’ivyo. Ishobora no kukureka kandi ukarenganywa kugira ize igukoreshe mukurenganura abandi,…
« Imana rero itwirura mumarushwa yacu, kugira ngo natwe tubone ingene twirura abandi, tubirura uko natwe twiruwe n’Imana ». Nico gituma muvyo ducamwo,atari vyiza kwidodomba, ahubwo dukwiye gusenga ngo Imana itwigishe ico ishaka kutwigisha, hanyuma inyuma y’ivyo Imana ntizotureka uko, kuko igambirira kutugirira neza. Gusa akenshi, iba ishaka kuzodukoresha mukwirura abandi.