
Uwahoze arongoye inama nshingamateka y’u Burundi Léonce Ngendakumana avuga ko biteye isoni kumva umukuru w’inama nshingamateka Gélase Ndabirabe hamwe n’umushikiranganji ajejwe ikigega ca Leta bifatira mu gahanga abashingamateka bari kubaza irengero ry’amafaranga yari yagenewe kurwanya ikiza Covid -19 hama Gelase ndabirabe agashigikira uwurongoye ikigega ca Leta akamukingira ikibaba ngo ntakwirikiranwe vyerekana ko bayasangiye.
N’inyuma yaho Audace Niyonzima arongoye ikigega ca Leta avugiye kuri uyu wa kane ko amafaranga arenga imiriyaridi 3 z’amafaranga y’amarundi atazi irengero ryayo hama akagirako asaba abashingamateka ko bobirekera aho kuko atazi iyo ayo mafarabga yazimiriye.
Leonce Ngendakumana avuga agira ati:«birababaje kubona abashingamateka bari kurondera umuco kw’izimira ry’amafaranga hama umukuru w’inama nshingamate agaca abirekera ngaho kandi atamuco utanzwe .ayo mafaranga yokoze mu kubaka amabarabara meza,hakubakwa uburaro bwiza ariko aherera mu mifuko y’akarwi k’abantu badashira inyungu imbere z’abenegihugu.ikibabaje ubu abashingamateka bakwirikirana inyungu zabo gusa narirya hariho ibwiriza rivuga ko bagukuye canke bakwirukanye mu mugambwe cank ukikurayo kubera utemeye ivyo bariko barakora uca utakaza ikibanza c’ubushingamateka.ikindi nuko inzara n’ubukene bituma abashingamateka baba ba seniryo».
Twibaza yuko amategeko atari make y’igihugu c’Uburundi yosubirwamwo kandi hagashirwaho inzego zigizwe n’abakunda igihugu zo kuyakingira no kuyubahiriza. Milliyaridi 3 yamarundi ntiyozimira mu kigega c’igihugu ngo bipfukapfukwe uko mu gihugu kigengwa n’amategeko. Miliyoni 147 z’amadolari ya Amerika ntizozimirira mu kigega c’igihugu kira mwaka ngo bipfukapfukwe kuko Ico ni icaha gikomeye mu gihugu kirimwo abagabo. Umushikiranganji w’ubutunzi bg’igihugu agira ati ivyo ntimubimbaze ni murekere aho kuko adashaka kwerekana yuko ubgo butunzi bg’igihugu bunyuruzwa n’umuryango w’umukuru w’igihugu ngo ace ahereza mw’ibohero rikuru nk’uko vyadhikiye uwahora arongoye ikigega c’’igihugu BRB yazize kuvugisha ukuri imbere y’abahinga ba FMI na Banque Mondiale. None igihugu c’Uburundi kizoguma kirongowe uko nyene ari icanyuma kw’isi nyene!